عن أنس رضي الله عنه قال: قال النبي صلى الله عليه وسلم:
«لَا يُؤْمِنُ أَحَدُكُمْ حَتَّى أَكُونَ أَحَبَّ إِلَيْهِ مِنْ وَالِدِهِ وَوَلَدِهِ وَالنَّاسِ أَجْمَعِينَ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 15]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 15]
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko umwislamu adashobora kwemera bikwiye atabanje gushira imbere urukundo akunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze akayikunda kuruta kurya akunda nyina wiwe na se wiwe, umwana wiwe w'umuhungu canke w'umukobwa, eka mbere n'abantu bose. Uru rukundo rero, ni rwo rutuma umuntu yumvira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) akanayitabara, maze akareka no guca kubiri n'amabwirizwa yayo mu kugabitanya.