+ -

عن أنس رضي الله عنه قال: قال النبي صلى الله عليه وسلم:
«لَا يُؤْمِنُ أَحَدُكُمْ حَتَّى أَكُونَ أَحَبَّ إِلَيْهِ مِنْ وَالِدِهِ وَوَلَدِهِ وَالنَّاسِ أَجْمَعِينَ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 15]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Nta n'umwe muri mwebwe yokwemera bikwiye atabanje kunkunda kuruta kurya akunda umuvyeyi wiwe, umwana wiwe, eka mbere kuruta kurya akunda abantu bose".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 15]

Explanation

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko umwislamu adashobora kwemera bikwiye atabanje gushira imbere urukundo akunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze akayikunda kuruta kurya akunda nyina wiwe na se wiwe, umwana wiwe w'umuhungu canke w'umukobwa, eka mbere n'abantu bose. Uru rukundo rero, ni rwo rutuma umuntu yumvira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) akanayitabara, maze akareka no guca kubiri n'amabwirizwa yayo mu kugabitanya.

Benefits from the Hadith

  1. Ni ngombwa gukunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) kuruta uko umuntu akunda ibiremwa vyose.
  2. Biri mu bimenyetso vyerekana urukundo rutagabanije, uguharanira inyigisho n'imigenzo vy'intumwa ko bisasagara bikaganza, maze umuntu akitanga we n'ivyiwe mu ntumbero yo gushika kuri nya hangiro.
  3. Ugukunda Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), bituma umuntu ayumvira akayigamburukira muri vyose yabwirije, akanayemera muri vyose yashikirije, akanirinda kandi gukora birya vyose yabujije ikanihaniza, maze umuntu akayikurikira akanavavanura n'ivyadukano.
  4. Agateka k'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), karahambaye kandi karashimangiwe gusumba ak'abantu bose, kuko ari we yatubereye imvo y'ukurongoka tukava mu buhuvyi, maze tukarokoka umuriro tugatsindira Ubwami bw'ijuru.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations