عَنْ أَمِيرِ المُؤْمِنِينَ أَبِي حَفْصٍ عُمَرَ بْنِ الخَطَّابِ رضي الله عنه قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«إنَّمَا الأَعْمَالُ بِالنِّيَّاتِ، وَإِنَّمَا لِكُلِّ امْرِئٍ مَا نَوَى، فَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ إلَى اللَّهِ وَرَسُولِهِ فَهِجْرَتُهُ إلَى اللَّهِ وَرَسُولِهِ، وَمَنْ كَانَتْ هِجْرَتُهُ لِدُنْيَا يُصِيبُهَا أَوْ امْرَأَةٍ يَنْكِحُهَا فَهِجْرَتُهُ إلَى مَا هَاجَرَ إلَيْهِ».
[صحيح] - [رواه إماما المحدثين أبو عبد الله محمد بن إسماعيل بن إبراهيم بن المغيرة بن بردزبه البخاري، وأبو الحسين مسلم بن الحجاج بن مسلم القشيري النيسابوري في صحيحيهما اللذين هما أصح الكتب المصنفة] - [الأربعون النووية: 1]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe n'indongozi y'abemeramana Se wa Hafswa, Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo. Nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka"".
[صحيح] - [رواه إماما المحدثين أبو عبد الله محمد بن إسماعيل بن إبراهيم بن المغيرة بن بردزبه البخاري وأبو الحسين مسلم بن الحجاج بن مسلم القشيري النيسابوري في صحيحيهما اللذين هما أصح الكتب المصنفة] - [الأربعون النووية - 1]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ibikorwa vyose bihabwa agaciro k'indishi hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe. Iyi ni ingingo rusangi yerekeye ibikorwa vyose, vyaba ari ibikorwa nyegerezamana canke ibikorwa bijanye n'itunganywa ry'imirimo ya misiyose; ni ukuvuga ko uwugize ico akora aharanira inyungu z'ivy'isi (mu ntumbero yo kurondera ico yogikuramwo ng'aha kw'isi), nta co azoheza ngo ahembwe kiretse mu kuronswa ico nyene yazirikanye kurondera, nta n'impembo azoheza ngo akironkere mu buzima bw'inyuma yo gupfa; nayo uwugize ico akora mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, azoheza agihemberwe indishi n'impera n'aho coba ari igikorwa gisanzwe cane; nko gufungura n'ukunywa.
Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratanze akarorero mu kwerekana inkurikizi y'izirikana-gikorwa mu vyo abantu bakora n'aho boba babikoze mu buryo bumwe uravye ukungene babikoze, aho yerekanye ko uwazirikanye mu kwimuka ataye urwiwe arondera gushimwa n'Imana yiwe Rurema Allah, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwemewe ku bw'Imana Allah hisunzwe izirikana-gikorwa ryiwe; nayo uwazirikanye mu kwimuka kwiwe, guharanira inyungu z'ivy'isi (kurondera ibihendamaso vy'isi), mu matungo, canke mu vyubahiro, canke mu rudandazwa, canke umukenyezi, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwiwe, mu kuronswa ivyo yazirikanye bigatuma yimuka, nta n'umugabane w'impembo azoronka mu buzima bw'inyuma yo gupfa.