عَنْ عَبْدِ اللَّهِ بْنِ بُسْرٍ رَضِيَ اللَّهِ عَنْهُ قَالَ: أَتَى النَّبِيَّ رَجُلٌ، فَقَالَ: يَا رَسُولَ اللَّهِ! إِنَّ شَرَائِعَ الإِسْلَامِ قَدْ كَثُرَتْ عَلَيْنَا، فَبَابٌ نَتَمَسَّكُ بِهِ جَامِعٌ؟ قَالَ:
«لاَ يَزَالُ لِسَانُكَ رَطْبًا مِنْ ذِكْرِ اللَّهِ».
وفي رواية: مِنْ حَدِيثِ مُعَاذِ بْنِ جَبَلٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ: آخِرُ مَا فَارَقْتُ عَلَيْهِ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ أَنْ قُلْتُ: أَيُّ الأَعْمَالِ خَيْرٌ وَأَقْرَبُ إِلَى اللَّهِ؟ قَالَ: «أَنْ تَمُوتَ وَلِسَانُكَ رَطْبٌ مِنْ ذِكْرِ اللَّهِ عَزَّ وَجَلَّ».
[صحيح] - [رواه أحمد والترمذي وابن ماجه وابن حبان] - [الأربعون النووية: 50]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Busri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umugabo yigeze kubwira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, ni ukuri yambanye menshi, enda rero mbwira umuce umwe gusa uhurikiyemwo vyose, mpeze ndawufate nkama ndawutsimbatareko! Ica imwishura iti:
"Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah". Mu bundi bwakirizi mu nyigisho yakiriwe na Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Mu bintu vya nyuma naherukiyeko kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), navuze nti: "Ni ibihe bikorwa vyiza gusumba binatonesha ku Mana Allah kurusha, mu bikorwa vyiza bitegetswe?". Yanyishuye iti: "Ni uko wopfa, ururimi rwawe rukibomvye mu kuguma runinahaza rutazira Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro"".
[صحيح] - [رواه أحمد والترمذي وابن ماجه وابن حبان] - [الأربعون النووية - 50]
Hari umugabo umwe yashikirije Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) impungenge afise ku bwinshi z'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera, ku buryo adashoboye kuvyubahiriza vyose, maze aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomwereka ibikorwa bike bishoboka ariko birimwo indishi nyinshi, gutyo aheze abifate nkama, abitsimbatareko.
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amwereka ko ururimi rwiwe rutohengeshanya kwama rubomvye ku kwama rutazira runinahaza Imana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze ivyo bigakorwa ku mwanya n'aho ari ho hose; nko kuyininahaza mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "ASTAGH-FIRU LLAAH", hamwe rero no kuyisaba, n'ibindi nk'ivyo.