عَنْ أَبِي يَعْلَى شَدَّادِ بْنِ أَوْسٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ عَنْ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«إِنَّ اللهَ كَتَبَ الْإِحْسَانَ عَلَى كُلِّ شَيْءٍ، فَإِذَا قَتَلْتُمْ فَأَحْسِنُوا القِتْلَةَ، وَإِذَا ذَبَحْتُمْ فَأَحْسِنُوا الذِّبْحَةَ، وَلْيُحِدَّ أَحَدُكُمْ شَفْرَتَهُ، وَلْيُرِحْ ذَبِيحَتَهُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية: 17]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Ya'laa Shaddaadi mwene Awsi (Imana Allah Imwishimire), yavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ko yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze, iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, ba mukibaga mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية - 17]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa.
Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha.
Nayo ukurangwa n'ubugwaneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.