عَنْ أَبِي حَمْزَةَ أَنَسِ بْنِ مَالِكٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ -خَادِمِ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ- عَنْ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«لاَ يُؤْمِنُ أَحَدُكُمْ، حَتَّى يُحِبَّ لِأَخِيهِ مَا يُحِبُّ لِنَفْسِهِ»
[صحيح] - [متفق عليه] - [الأربعون النووية: 13]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hamza, Anasi mwene Maaliki (Imana Allah Imwishimire), akaba yahoze ari umukozi w'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
[صحيح] - [متفق عليه] - [الأربعون النووية - 13]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ukwemera kw'umuntu mu bislamu kudashobora gutungana bishemeye atabanje gukundira mugenziwe ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka mu bikorwa vy'iyumviramana, canke ibindi vyiza umuntu akunda mu bijanye n'idini no mu bijanye n'ubuzima bw'inyuma yo gupfa n'ubwo kw'isi, agaheza akanka ko mugenziwe ashikirwa n'ikitanezereye nka kurya yanka wenyene ubwiwe ko vyomushikira. N'iyo abonye kuri mugenziwe agahaze mw'idini, aragerageza uko ashoboye kwose kugatosora; yabona kuri we iciza gihimbaye, agaheza akagishimangira akanakimufasha, maze akama na ntaryo yamuhanuye mu bijanye n'idini ryiwe no mu vyerekeye ubuzima bwiwe bwo kw'isi.