عَنْ أَبِي مُـحَمَّدٍ الحَسَنِ بْنِ عَلِيِّ بْنِ أَبِي طَالِبٍ - سِبْطِ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ وَرَيْحَانَتِهِ-، قَالَ: حَفِظْتُ مِنْ رَسُولِ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«دَعْ مَا يَرِيبُك إلَى مَا لَا يَرِيبُكَ».
[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي] - [الأربعون النووية: 11]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Se wa Muhamadi, Al-Hasan mwene Ali mwene Abu Twaalibi, umwuzukuru akaba na rukundiro rw'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Narafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yavuze iti:
"Enda nyabuna, reka gukora ikiguteye amakenga, uheze utandukire ikitaguteye amakenga".
[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي] - [الأربعون النووية - 11]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yategetse ko umuntu yoreka ibimuteye amakenga haba mu majambo no mu bikorwa, atarinze kuraba ko vyoba bibujijwe canke birekuwe, ko vyoba bizira canke biziruye, aheze rero atandukire akore ibitamuteye amakenga mu bintu bigaragara ko biziruye kandi ari vyiza.