عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إنَّ اللَّهَ طَيِّبٌ لَا يَقْبَلُ إلَّا طَيِّبًا، وَإِنَّ اللَّهَ أَمَرَ المُؤْمِنِينَ بِمَا أَمَرَ بِهِ المُرْسَلِينَ، فَقَالَ تَعَالَى: {يَا أَيُّهَا الرُّسُلُ كُلُوا مِنْ الطَّيِّبَاتِ وَاعْمَلُوا صَالِحًا}، وَقَالَ تَعَالَى: {يَا أَيُّهَا الَّذِينَ آمَنُوا كُلُوا مِنْ طَيِّبَاتِ مَا رَزَقْنَاكُمْ} ثُمَّ ذَكَرَ الرَّجُلَ، يُطِيلُ السَّفَرَ، أَشْعَثَ، أَغْبَرَ، يَمُدُّ يَدَيْهِ إلَى السَّمَاءِ: يَا رَبِّ! يَا رَبِّ! وَمَطْعَمُهُ حَرَامٌ، وَمَشْرَبُهُ حَرَامٌ، وَمَلْبَسُهُ حَرَامٌ، وَغُذِيَ بِالحَرَامِ، فَأَنَّى يُسْتَجَابُ لَذلك».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية: 10]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye﴿ (Al-Baqara: 172), mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi, urushatsi ari ishwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Umuntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية - 10]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko Imana Allah ari Nziza, Nyenubutagatifu, Izira kurangwa n'agahaze n'akanenge, Irangwa n'ibitunganye vyose mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, ntiyakira mu bikorwa, mu majambo no mu vyo abantu bemera mu mishaha yabo, kiretse ikiba ari ciza muri vyo, na co kikaba ari kirya cejejwe ku bw'Imana Allah, gihuye n'uburongozi bwazanwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ntibinarekuwe rero ko hari uwokwiyegereza ku Mana Allah kiretse mu kwubahiriza ivyo. Biri mu bihambaye bituma ibikorwa vy'umwemeramana biba vyiza, kuba imfungurwa ziwe ari nziza, zabonetse mu birekuwe "halaali", gutyo iyubahirizwa ry'ivyo rikeza ibikorwa vyiwe, ni kuri iyo mvo rero Imana Allah Yategetse abemeramana gukora birya nyene Yategetse Intumwa zayo, mu kuba bakwiye gufungura ibirekuwe hamwe rero no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe, aho Ivuga Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose﴿, Irongera Ikavuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye﴿.
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarihanije abantu ukurya ibizira "haraamu" kuko vyonona igikorwa bikanabuza ko cakirwa n'Imana Allah n'aho umuntu yokwita ku rutare mu kwubahiriza ibintu bigaragara vyotuma igikorwa cakirwa; muri vyo twovuga:
Ubwa mbere: umuntu gufata urugendo rurerure agiye mu bikorwa vy'iyumviramana; nko kuja gushengerera ingoro ntagatifu, guharanira idini ry'Imana Allah, kwunga ubuvandimwe, n'ibindi bitari ivyo.
Ubwa kabiri: ukugira umushatsi w'urushwigiri udasokoje, wahindutse ibara hamwe n'impuzu zahinduwe n'intumo, uyu rero aba ari ntamagiro kuko yabuze uko agira.
Ubwa gatatu: ugutarika ibiganza hejuru mu gusaba (igisabisho).
Ubwa kane: ukwifashisha amazina y'Imana Allah mu kuyisaba no mu kudahesha mu gusaba; nko kuvuga uti: Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema!
Hamwe rero n'ukwubahiriza izi mvo zituma igisabisho cakirwa, ntaheza ngo yumvirwe; kuko ibifungurwa, ibinyobwa hamwe n'inyambarwa vyiwe vyose biba ari mu bizira, akaba anabeshejweho n'ibizira, ukwakirwa igisabisho c'umuntu arangwa n'ibintu nk'ibi rero, biri kure cane nk'ukwezi!