Category:

عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ عَبْدِ الرَّحْمَنِ بْنِ صَخْرٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: سَمِعْت رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّم يَقُولُ:
«مَا نَهَيْتُكُمْ عَنْهُ فَاجْتَنِبُوهُ، وَمَا أَمَرْتُكُمْ بِهِ فَافْعَلُوا مِنْهُ مَا اسْتَطَعْتُمْ، فَإِنَّمَا أَهْلَكَ الَّذِينَ مِنْ قَبْلِكُمْ كَثْرَةُ مَسَائِلِهِمْ، وَاخْتِلَافُهُمْ عَلَى أَنْبِيَائِهِمْ».

[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية: 9]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra, Abdu Al-Rahmaani mwene Swakhri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Ivyo nababujije, enda nyabuna muraheza mwirinde kubikora; ivyo nabategetse na vyo, enda nyabuna muraheza mukore ivyo mushoboye muri vyo; kuko ni ukuri, ab'aho hambere yanyu bahonejwe n'ukubazagiza kenshi, n'ukudahuza mu guhazana ku Bavugishwamana babo"".

[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية - 9]

Explanation

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradutomoreye ko igihe itubujije gukora ikintu, dutegerezwa kucirinda burundu ata kwihinguza (ngo duhitishemwo gukora na kimwe muri vyo), n'uko igihe idutegetse gukora ikintu, dutegerezwa kugikora uko bidushobokeye kwose (turavye ubushobozi tugifiseko). Hanyuma yaratwihanije kugira ntitube nk'abantu b'aho hambere, babazagiza Abavugishwamana babo ibibazo vyinshi hamwe n'ukudahuza na bo mu guhazana ku nyishu bahawe, ivyo bikaba vyatumye bahanwa n'Imana Allah, ibihano bihonya vy’ubwoko bwose. Ni ngombwa rero ko tutokwigenza nkabo kugira ntiduhone nk'uko bahonye.

Benefits from the Hadith

  1. Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge ngenderwako wisungwa mu gutomora igitegetswe mu gihe c'ishira mu ngiro ry'itegeko no mu gihe c'ukwirinda ikibujijwe gukorwa.
  2. Ingingo ibuza gukora ikintu ntiyorohereza umuntu gukora bimwe mu bijanye na nya kintu; nayo ingingo itegeka gukora ikintu ishingiye ku bushobozi n'ububasha umuntu afise bwo kugikora; kuko ukureka ikintu burundu birashoboka, mu gihe ugukora ikintu bikeneye kwisunga ubushobozi n'ububasha bwo kugikora.
  3. Ibuzwa ryo kubazagiza : Iryo bazagiza, abamenyi barigabuye mu mice ibiri. Uwa mbere muri iyo: ni ibazagiza ritewe n'imvo z'ukwigisha ibintu nkenerwa mw'idini, iryo rikaba ritegetswe, ni na ryo ryibonekeza kenshi mu kubaza kw'ingendanyi. Uwa kabiri muri iyo mice: ni ibazagiza riba mu ntumbero yo kwihatira kubaza, iri bazagiza rero, ni ryo ribujijwe.
  4. Kwihaniza abantu guca kubiri n'Umuvugishwamana wabo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) nka kurya vyagendeye imigwi y'abantu bo hambere yabo.
  5. Ingingo y'ikibujijwe gukorwa, yubahirizwa ku kintu kibujijwe uko kingana kwose, ata kwihinguza ku buke canke ubwinshi bwaco; kuko bidakunda ko umuntu yirinda ikintu kiretse mu gihe acirinze burundu ata kwihinguza ku buke canke ubuto bwaco, ku bwinshi canke ubunini bwaco. Akarorero: Twarabujijwe kurya inyungu izira "ribaa", iryo buzwa rero, ryubahirizwa ku nyungu uko ingana kwose, yaba ari nke canke nyinshi.
  6. Kureka imvo zose zotuma umuntu akora ikizira; kuko ico kiri mu nsiguro yo kucirinda.
  7. Si vyiza mu gihe umuntu yumvise ibwirizwa ryashinzwe n'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yovuga yihinguza ngo: mbega ishirwa mu ngiro ry'iri bwirizwa ryoba ari itegeko, canke ryoba ari iribereye! Ahubwo asabwa guhurumbira kurishira mu ngiro; kuko iyi nyigisho y'intumwa, ivuga iti: "Enda nyabuna muraheza mukore ivyo mushoboye mu vyo nabategetse".
  8. Ukubazagiza ibibazo vyinshi, ni imvo y'ihonywa, na canecane iryo bazagiza iyo rigizwe mu bintu bidashoboka ku biremwa kubironkera inyishu; nko kubaza ku vyerekeye ibintu binyegejwe ibiremwa "ghaybu", ukuntu intureka zo ku musi w'izuka zizoba zimeze. Ibibazo nk'ibi rero, ntukavyibazeko ibibazo vyinshi, urondera kumenya ido n'ido, neza na neza uko bizogenda, uvugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime n'akantu hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro, uti: ntegerezwa kubimenya!
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Lithuanian Dari Serbian Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية
View Translations
Categories
More ...