عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ عَبْدِ الرَّحْمَنِ بْنِ صَخْرٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: سَمِعْت رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّم يَقُولُ:
«مَا نَهَيْتُكُمْ عَنْهُ فَاجْتَنِبُوهُ، وَمَا أَمَرْتُكُمْ بِهِ فَافْعَلُوا مِنْهُ مَا اسْتَطَعْتُمْ، فَإِنَّمَا أَهْلَكَ الَّذِينَ مِنْ قَبْلِكُمْ كَثْرَةُ مَسَائِلِهِمْ، وَاخْتِلَافُهُمْ عَلَى أَنْبِيَائِهِمْ».
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية: 9]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra, Abdu Al-Rahmani mwene Swakhri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Ivyo nababujije, enda nyabuna muraheza mwirinde kubikora; ivyo nabategetse na vyo, enda nyabuna muraheza mukore ivyo mushoboye muri vyo; kuko ni ukuri, ab'aho hambere yanyu bahonejwe n'ukubazagiza kenshi, n'ukudahuza mu guhazana ku Bavugishwamana babo"".
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية - 9]
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradutomoreye ko igihe itubujije gukora ikintu, dutegerezwa kucirinda burundu ata kwihinguza (ngo duhitishemwo gukora na kimwe muri vyo), n'uko igihe idutegetse gukora ikintu, dutegerezwa kugikora uko bidushobokeye kwose (turavye ubushobozi tugifiseko). Hanyuma yaratwihanije kugira ntitube nk'abantu b'aho hambere, babazagiza Abavugishwamana babo ibibazo vyinshi hamwe n'ukudahuza na bo mu guhazana ku nyishu bahawe, ivyo bikaba vyatumye bahanwa n'Imana Allah, ibihano bihonya vy’ubwoko bwose. Ni ngombwa rero ko tutokwigenza nkabo kugira ntiduhone nk'uko bahonye.