عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه عَنِ النَّبِيِّ صلى الله عليه وسلم قَالَ:
«دَعُونِي مَا تَرَكْتُكُمْ، إِنَّمَا هَلَكَ مَنْ كَانَ قَبْلَكُمْ بِسُؤَالِهِمْ وَاخْتِلَافِهِمْ عَلَى أَنْبِيَائِهِمْ، فَإِذَا نَهَيْتُكُمْ عَنْ شَيْءٍ فَاجْتَنِبُوهُ، وَإِذَا أَمَرْتُكُمْ بِأَمْرٍ فَأْتُوا مِنْهُ مَا اسْتَطَعْتُمْ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 7288]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe; iyo rero hagize ikintu ndababujije gukora, ba muca mwirinda kugikora; n'iyo hagize ikintu ndabategetse gukora, ba mugikora mwisunze ivyo mushoboye (Uko bibashobokeye kwose)".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 7288]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko amabwirizwa y'ubwislamu ari mu mice itatu: amabwirizwa ata co yavuzweko, ibibujijwe gukora hamwe rero n'ibitegetswe gukora.
Umuce wa mbere: ni amabwirizwa ata co yavuzweko, ku buryo ata ngingo iyerekeye ihari; ayo akisunga kuba muri kamere k'ibintu ari uko ata bwirizwa ribibuza. igihe c'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), vyari ngombwa ukutabaza ku kintu kitaraba ku kwanka ko hohava hahishurwa ingingo itegeka canke ibuza ko gikorwa, kuko Imana Allah Yakiretse ukwo ata co Ikivuzeko ku kugirira impuhwe ibiremwa. Nayo inyuma y'urupfu rw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bikaba birekuwe kubaza, ahubwo mbere ni ngombwa kubaza mu ntumbero yo kumenya ico umuntu yokora ku vyamushikiye canke mu ntumbero yo kwigisha abantu ivyo bakeneye mw'idini. Mu gihe bibaye naho ku mvo zo kubaza ngo bikunde wiyemere canke kwimba mu mizi uwubazwa, ivyo ni vyo bibuzwa muri iyi nyigisho. N’ibi ni kubera ko bishobora gushika umuntu agashikirwa n’ivyashikiye Abanyasirayeri igihe bategekwa kubaga inka; iyo bishika bakabaga iyo ari yo yose batarinze kubazagiza ntibari gushikirwa n’ikigeragezo. Bagumye bashimika mu kubaza na bo baguma bahabwa inyishu z’amananiza.
Umuce wa kabiri: ni ibibujijwe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwuretse kubikora abihemberwa; uwubikoze na we akabihanirwa. Ivyo rero, ni ngombwa kuvyirinda vyose.
Umuce wa gatatu: ni ibitegetswe gukora, na vyo bikaba ari birya bintu uwubikoze abihemberwa, uwubiretse na we akabihanirwa. Ivyo rero ni ngombwa ko umuntu abikora yisunze urugero rw'ubushobozi bwiwe.