Hadith List

Ba mureka kumbazagiza igihe cose nzoba ata co nshimye kuba nobabwira; ni ukuri icatumye abo hambere yanyu bahanwa bagahona, kwari ukubazagiza n'ukudahuza mu guhazana ku vyo Abigishwa n'Abavugishwamana barungikiwe
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
عربي English Urdu
Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi. Uwo wese rero azogira uwo ageramiye, na we Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa, nka kurya Ikunda ko amategeko-bwirizwa yayo yubahirizwa
عربي English Urdu