Category:

عَنْ أَبِي سَعِيدٍ سَعْدِ بْنِ مَالِكِ بْنِ سِنَانٍ الخُدْرِيّ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ أَنَّ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«لَا ضَرَرَ وَلَا ضِرَارَ».

[حسن] - [رواه ابن ماجه، والدارقطني، وغيرهما مسندًا] - [الأربعون النووية: 32]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Se wa Sa'iid mwene Maaliki mwene Sinaani Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi".

[حسن] - [رواه ابن ماجه والدارقطني وغيرهما مسندًا] - [الأربعون النووية - 32]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ari ngombwa gukinga ibibangamira abantu, mu moko yavyo yose, iyo vyozanana hose, maze umuntu akavyikingira akanabikingira abandi, burya nta muntu n'umwe arekuriwe kwibangamira canke kubangamira abandi. Ntibinarekuwe ko umuntu agera ingere ku yindi iyo hagize uwumugeramira; kuko ikibangamye ntigikurwaho n'ikindi kibangamye kiretse iyo ari mu ntumbero yo kwihora ata kurenza urugero ku vyo umuntu yakorewe.

Benefits from the Hadith

  1. Birabujijwe ko umuntu yihora mu kurenza urugero rw'ikibi yakorewe.
  2. Imana Allah ntiyigeze Itegeka abantu ikintu na kimwe cobageramira.
  3. Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge ngenderwako wisungwa mu kuziririza ko umuntu yigeramira. Ukugeramira abanndi gushobora kuba mw'ijambo, mu gukora ikintu canke mu kureka.
  4. Biri mu mategeko y'ubwislamu ko "ikibangamye kidakurwaho n'ikindi", burya amategeko y'ubwislamu ntarekurira umuntu gukora ibibangamye, aranabuza cane kubangamira abandi.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (53)
Categories
More ...