عن أبي سعيد الخدري رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«لَا ضَرَرَ وَلَا ضِرَارَ، مَنْ ضَارَّ ضَرَّهُ اللَّهُ، وَمَنْ شَاقَّ شَقَّ اللَّهُ عَلَيْهِ».
[صحيح بشواهده] - [رواه الدارقطني] - [سنن الدارقطني: 3079]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Sa'iidi Al-Khidriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi. Uwo wese rero azogira uwo ageramiye, na we Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza".
[صحيح بشواهده] - [رواه الدارقطني] - [سنن الدارقطني - 3079]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ari ngombwa gukinga ibibangamiye abantu, mu moko yavyo yose, iyo vyozanana hose, maze umuntu akavyikingira akanabikingira abandi.
Ntibinarekuwe ko umuntu agera ingere ku yindi iyo hagize uwumugeramira; kuko ikibangamye ntigikurwaho n'ikindi kibangamye kiretse iyo ari mu ntumbero yo kwihora ata kurenza urugero ku vyo umuntu yakorewe.
Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye igihano casezeraniwe uwubangamira abantu, n'uwuremereza abantu.