+ -

عن أبي سعيد الخدري رضي الله عنه أن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«لَا ضَرَرَ وَلَا ضِرَارَ، مَنْ ضَارَّ ضَرَّهُ اللَّهُ، وَمَنْ شَاقَّ شَقَّ اللَّهُ عَلَيْهِ».

[صحيح بشواهده] - [رواه الدارقطني] - [سنن الدارقطني: 3079]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Sa'iidi Al-Khidriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntibirekuwe ko umuntu yigeramira eka ntibinarekuwe ko ageramira uwundi. Uwo wese rero azogira uwo ageramiye, na we Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza".

[صحيح بشواهده] - [رواه الدارقطني] - [سنن الدارقطني - 3079]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ari ngombwa gukinga ibibangamiye abantu, mu moko yavyo yose, iyo vyozanana hose, maze umuntu akavyikingira akanabikingira abandi.
Ntibinarekuwe ko umuntu agera ingere ku yindi iyo hagize uwumugeramira; kuko ikibangamye ntigikurwaho n'ikindi kibangamye kiretse iyo ari mu ntumbero yo kwihora ata kurenza urugero ku vyo umuntu yakorewe.
Mu nyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye igihano casezeraniwe uwubangamira abantu, n'uwuremereza abantu.

Benefits from the Hadith

  1. Birabujijwe ko umuntu yihora mu kurenza urugero rw'ikibi yakorewe.
  2. Imana Allah ntiyigeze Itegeka abantu ikintu na kimwe cobageramira.
  3. Kirazira kikaziririzwa ko umuntu yigeramira canke ko yogeramira abandi, haba mu majambo canke mu ngiro, canke mu kureka gukora ibikenewe.
  4. Umuntu azohembwa indishi ijanye n'ubwoko bw'ivyo yakoze. Uwuzogeramira abandi, Imana Allah Izomugeramira; uwuzoremereza abandi na we Imana Allah Izomuremereza.
  5. Biri mu mategeko y'ubwislamu ko "ikibangamye kidakurwaho n'ikindi", burya amategeko y'ubwislamu ntarekurira umuntu gukora ibibangamye, aranabuza cane kubangamira abandi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...