عن أبي هريرة رضي الله عنه:
أَنَّ رَجُلًا قَالَ لِلنَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: أَوْصِنِي، قَالَ: «لَا تَغْضَبْ» فَرَدَّدَ مِرَارًا قَالَ: «لَا تَغْضَبْ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 6116]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 6116]
Umwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire) yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomubwira ikintu yoheza akagendera, maze kikamugirira akamaro mu buzima, aca amutegeka ko atotwarwa n'ishavu, ivyo bikaba bifise insiguro ko yokwirinda ibituma umuntu ashavura, maze akigumya igihe cose hagize icotuma ashavura, agaheza rero akareka kuguma ashavuye ngo agere ingere ku yindi yihora mu kwica, canke mu gukubita, canke mu gutukana, n'ibindi nk'ivyo.
Nya muntu rero yagumye asubiramwo kenshi mu gusaba impanuro yogendera nk'iragi, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we ntiyahejeje ngo arenzeko na kimwe ku nyishu yari yamuhaye, yashishikaye kumuha nya mpanuro nyene ati: "Ntugashavure".