+ -

عن أبي هريرة رضي الله عنه:
أَنَّ رَجُلًا قَالَ لِلنَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ: أَوْصِنِي، قَالَ: «لَا تَغْضَبْ» فَرَدَّدَ مِرَارًا قَالَ: «لَا تَغْضَبْ».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 6116]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
hari umuntu yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubwira ati: "Mpanura ico nogenderako nk'iragi". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamubwiye ati: "Ntugashavure". Uyo muntu rero yarasubiyemwo ico kibazo incuro nyinshi, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we aguma amusubiriramwo ya nyishu nyene ati: "Ntugashavure".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 6116]

Explanation

Umwe mu ngendanyi (Imana Allah Izishimire) yasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomubwira ikintu yoheza akagendera, maze kikamugirira akamaro mu buzima, aca amutegeka ko atotwarwa n'ishavu, ivyo bikaba bifise insiguro ko yokwirinda ibituma umuntu ashavura, maze akigumya igihe cose hagize icotuma ashavura, agaheza rero akareka kuguma ashavuye ngo agere ingere ku yindi yihora mu kwica, canke mu gukubita, canke mu gutukana, n'ibindi nk'ivyo.
Nya muntu rero yagumye asubiramwo kenshi mu gusaba impanuro yogendera nk'iragi, maze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) na we ntiyahejeje ngo arenzeko na kimwe ku nyishu yari yamuhaye, yashishikaye kumuha nya mpanuro nyene ati: "Ntugashavure".

Benefits from the Hadith

  1. kwihaniza ko umuntu atwarwa n'ishavu akirinda n'ivyotuma yoshavura; kuko ivyo ari yo nyendamuvano y'inabi zose, ukwirinda ishavu na vyo bikaba ari yo nkomoko y'ineza zose.
  2. Ugushavura ku bw'Imana Allah igihe hahonyanzwe amabwirizwa yayo, biri mu gushavura kwiza gukenewe.
  3. Ugusubiramwo kenshi amajambo iyo bikenewe, bifasha uwubwirwa kwumva no gutahura agaciro k'amajambo abwiwe.
  4. Ivyiza biri mu gusaba umumenyi impanuro umuntu yogendera mu buzima nk'iragi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations