عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«لَا تَحَاسَدُوا، وَلَا تَنَاجَشُوا، وَلَا تَبَاغَضُوا، وَلَا تَدَابَرُوا، وَلَا يَبِعْ بَعْضُكُمْ عَلَى بَيْعِ بَعْضٍ، وَكُونُوا عِبَادَ اللهِ إِخْوَانًا الْمُسْلِمُ أَخُو الْمُسْلِمِ، لَا يَظْلِمُهُ وَلَا يَخْذُلُهُ، وَلَا يَحْقِرُهُ التَّقْوَى هَاهُنَا» وَيُشِيرُ إِلَى صَدْرِهِ ثَلَاثَ مَرَّاتٍ «بِحَسْبِ امْرِئٍ مِنَ الشَّرِّ أَنْ يَحْقِرَ أَخَاهُ الْمُسْلِمَ، كُلُّ الْمُسْلِمِ عَلَى الْمُسْلِمِ حَرَامٌ، دَمُهُ، وَمَالُهُ، وَعِرْضُهُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2564]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ntimugasharikane, ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi, ntimukankane urunuka, ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti, ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe, muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi. Burya umwislamu ni mwenewabo w'uwundi mwislamu; ntarota amurenganya, eka ntanamwihakana ngo areke kumutabara, kandi ntahirahira ngo amukengere, burya rero nyabuna igamburukiramana nyaryo riri ng'aha", ica ibisubiramwo incuro zitatu itunga n'urutoki ku gikiriza cayo, iraheza ivuga iti: "Birakwiye ku muntu kuba ari ikibi, gukengera mwenewabo w'umwislamu; burya umwislamu wese, ni ikizira kikaziririzwa kuri we: gusesa amaraso y'uwundi mwislamu, kumwambura amatungo yiwe, hamwe rero no kumuhungabaniriza agateka n'icubahiro vy'umuryango wiwe".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2564]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarasigiye iragi umwislamu mu kumuhanura ku vyiza yokorera mwenewabo w'umwislamu, araheza aratomora bimwe mu bitegetswe no mu rupfasoni asabwa kwubahiriza; muri ivyo ni: Iragi rya mbere: Ntimugasharikane mu kwipfurizanya ko bamwe muri mwebwe bobura mu gutakaza inema bafise. Iragi rya kakiri: Ntimukaduganirizeko ibiciro mu guta mu rudubi abaguzi; ivyo bigirwa mu kuba hari uwuduza igiciro c'ikidandazwa kandi atari mu ntumbero yo gushaka kukigura; ahubwo ari mu ntumbero yo kudugiriza inyungu umudandaji, canke ari mu ntumbero yo kubangamira umuguzi ngo akigure kizimvye. Iragi rya gatatu: Ntimukankane urunuka mu gukora ibibangamye biciye kubiri n'ugusasagaza urukundo; kiretse mu gihe ukwankana vyoterwa n'uguharanira Imana Allah, muri ico gihe biba ari ngombwa kwankana. Iragi rya kane: Ntimugahane umugongo mu guca ubuvandimwe n'ubucuti maze umwe wese akirengagiza mwenewabo, no mu gihe bahuye akamuhunga. Iragi rya gatanu: Ntihakagire muri mwebwe abagurishiriza ikidandazwa ku kindi camaze kugurishwa na bamwe muri mwebwe; ivyo bigirwa mu kubwira umuguzi ati: Ndafise nk'ico kidandazwa nyene ku giciro gito, canke ati: Ndafise ikidandazwa ciza gusumba ico, nokiguha ku giciro nk'ico nyene. Mu nyuma rero, (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yadusigiye iragi rihurikiyemwo vyose maze avuga ati: Muraheza rero mube abaja b'Imana Allah b'abavukanyi, mu kureka n'ukuvavanura n'ivyo bibujijwe, maze musasagaze urukundo, kugiriranira impuhwe, ikigongwe n'ukworoherezanya, gufashanya mu gukora ivyiza bijana n'ukweza umutima, hamwe rero no guhanurana mu bihe vyose. Biri mu bisabwa mu kwunga ubu buvandimwe: Umwislamu kutarenganya no kudasindira mwenewabo w'umwislamu. Umwislamu kutareka mwenewabo w'umwisalmu ngo arenganywe mu kumwihakana igihe ashoboye kumutabara maze akamurenganura. Umwislamu kudakengera uwundi mwislamu ngo amurabe irarirari; iki kikaba giterwa n'ukwishima kuri mu mutima w'umuntu. Hanyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye mu gusubiramwo incuro zitatu ashimangira ko igamburukiramana nyaryo riri mu mutima; uwo wese rero afise igamburukiramana mu mutima wiwe rituma arangwa n'ingeso nziza, ugutinya ibihano vy'Imana Allah hamwe no gucungera iyubahirizwa ry'amategeko yayo, aheza akareka gukengera umwislamu, bikaba bikwiye kuri we kurangwa n'ibibi n'ingeso mbi, kwubahuka ngo akengere mwenewabo w'umwislamu bitewe n'ubwishime buri mu mutima wiwe. Mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarashimangiye ivyo vyose vyavuzwe ng'aho hejuru, mu kuvuga ko ku mwislamu kizira kikaziririzwa, gusesa amaraso y'uwundi mwislamu mu kumwica canke mu kumukomeretsa canke kumukubita, n'ibindi nk'ivyo, eka kiranazira kikaziririzwa kuri we kwambura umwislamu amatungo yiwe, mu kuyihagira ata burenganzira ayafiseko; eka mbere kiranazira kikaziririzwa kubangamira agateka n'icubahiro vyiwe mu kumutuka ku gatwe kiwe canke ku nkomoko yiwe.