عَنْ عَبْدِ اللهِ بْنِ بُسْرٍ رضي الله عنه أَنَّ رَجُلاً قَالَ: يَا رَسُولَ اللهِ إِنَّ شَرَائِعَ الإِسْلاَمِ قَدْ كَثُرَتْ عَلَيَّ، فَأَخْبِرْنِي بِشَيْءٍ أَتَشَبَّثُ بِهِ، قَالَ:
«لاَ يَزَالُ لِسَانُكَ رَطْبًا مِنْ ذِكْرِ اللَّهِ».

[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي: 3375]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Busri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umugabo umwe yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, ni ukuri yambanye menshi, enda rero mbwira ikintu kimwe gusa nofata nkama, mpeze ndagitsimbatareko". Yamwishuye iti:
"Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".

[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [سنن الترمذي - 3375]

Explanation

Hari umugabo umwe yashikirije Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) impungenge afise ku bwinshi z'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera, ku buryo adashoboye kuvyubahiriza vyose, maze aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomwereka ibikorwa bike bishoboka ariko birimwo indishi nyinshi, gutyo aheze abifate nkama, abitsimbatareko.
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amwereka ko ururimi rwiwe rutohengeshanya kwama rubomvye ku kwama rutazira runinahaza Imana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze ivyo bigakorwa ku mwanya n'aho ari ho hose; nko kuyininahaza mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "ASTAGH-FIRU LLAAH", hamwe rero no kuyisaba, n'ibindi nk'ivyo.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza vyo kwamizako itazira n'inihazamana.
  2. Biri mu ngabirano z'Imana Allah ku biremwa, kworoherezwa imvo zo kuronka indishi.
  3. Ubusumbasumbane buri hagati y'abaja b'Imana Allah, ufatiye ku mugabane w'umwe wese mu miryango y'ibikorwa vyiza bihimbaye.
  4. Kugira kenshi itazira n'ininahazamana hakoreshejwe ururimi; nko kuninahaza Imana Allah mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", "ALLAAHU AKBAR", hamwe n'ibindi bitari ivyo bibangabanganwa n'ukuba umushaha uri hamwe mu nda igihe c'ininahaza n'itaziramana, ivyo bikaba bishikana umuntu ku ndishi mu kibanza c'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera adashoboye gukora.
  5. Umwitwarariko w'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu kwishura abamubajije, maze umwe wese akamuha inyishu imukwiye kandi ibereye.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Lithuanian Dari Serbian Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations