عَنْ أَبِي الحَوْرَاءِ السَّعْدِيِّ قَالَ: قُلْتُ لِلْحَسَنِ بْنِ عَلِيٍّ رضي الله عنهما: مَا حَفِظْتَ مِنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ؟ قَالَ: حَفِظْتُ مِنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لاَ يَرِيبُكَ، فَإِنَّ الصِّدْقَ طُمَأْنِينَةٌ، وَإِنَّ الكَذِبَ رِيبَةٌ».
[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي وأحمد] - [سنن الترمذي: 2518]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Al-Hawraa-i Al-Sa'diy yavuze ati: "Narabwiye Hasani mwene Ali (Imana Allah Ibishimire bompi) nti: "Ni ibiki wafashe ku mutwe wavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)?", aca yishura avuga ati: "Nafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyigisho ivuga iti:
"Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".
[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي وأحمد] - [سنن الترمذي - 2518]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarategetse ko igiteye amakenga mu majambo no mu bikorwa mu kuba kirekuwe canke kibujijwe, canke mu kuba kiziruye canke kizira, umuntu akireka maze agatandukira gukora ikitamuteye amakenga mu bintu azi neza ko ari vyiza kandi birekuwe; kubera ko umutima w'umuntu utekana mu kubikora; ibiteye amakenga na vyo mu kubikora umutima wiwe ukazindanirwa.