+ -

عَنْ أَبِي الحَوْرَاءِ السَّعْدِيِّ قَالَ: قُلْتُ لِلْحَسَنِ بْنِ عَلِيٍّ رضي الله عنهما: مَا حَفِظْتَ مِنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ؟ قَالَ: حَفِظْتُ مِنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«دَعْ مَا يَرِيبُكَ إِلَى مَا لاَ يَرِيبُكَ، فَإِنَّ الصِّدْقَ طُمَأْنِينَةٌ، وَإِنَّ الكَذِبَ رِيبَةٌ».

[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي وأحمد] - [سنن الترمذي: 2518]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Al-Hawraa-i Al-Sa'diy yavuze ati: "Narabwiye Hasani mwene Ali (Imana Allah Ibishimire bompi) nti: "Ni ibiki wafashe ku mutwe wavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)?", aca yishura avuga ati: "Nafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyigisho ivuga iti:
"Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga"".

[صحيح] - [رواه الترمذي والنسائي وأحمد] - [سنن الترمذي - 2518]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarategetse ko igiteye amakenga mu majambo no mu bikorwa mu kuba kirekuwe canke kibujijwe, canke mu kuba kiziruye canke kizira, umuntu akireka maze agatandukira gukora ikitamuteye amakenga mu bintu azi neza ko ari vyiza kandi birekuwe; kubera ko umutima w'umuntu utekana mu kubikora; ibiteye amakenga na vyo mu kubikora umutima wiwe ukazindanirwa.

Benefits from the Hadith

  1. Ni ngombwa ku mwislamu, ko yubakira ivyo akora ku bumenyi buzira amakenga, gutyo akareka gukora ibimuteye amakenga, maze mu vyerekeye idini ryiwe akama yagavye.
  2. Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".
  3. Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.
  4. Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Lithuanian Dari Serbian Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...