عَنْ ابْنِ عَبَّاسٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُمَا أَنَّ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«إنَّ اللَّهَ تَجَاوَزَ لِي عَنْ أُمَّتِي الخَطَأَ وَالنِّسْيَانَ وَمَا اسْتُكْرِهُوا عَلَيْهِ».
[قال النووي: حديث حسن] - [رواه ابن ماجه والبيهقي وغيرهما] - [الأربعون النووية: 39]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah yaramaze kwirengagiza uguhana abantu narungitsweko ku vyo bakoze mu kwihenda no mu kwibagira, hamwe rero n'ivyo bahatiwe gukora bitavuye ku mutima".
[قال النووي: حديث حسن] - [رواه ابن ماجه والبيهقي وغيرهما] - [الأربعون النووية - 39]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko mu vy'ukuri, Imana Allah Yamaze kubabarira abantu yarungitsweko ku bintu bakoze mu buryo butatu: Ubwa mbere: ugukosa mu kwihenda, na kwo kukaba ari kuri birya bintu abantu bakora atari ku bigirankana; nko mu gihe umwislamu yoshaka gukora ikintu, agasanga nya kintu ntikibaye nk'uko yagishaka. Ubwa kabiri: ukwibagira, na kwo kukaba ari kurya kuntu umwislamu ashobora kuba yibuka ikintu, ariko akacibagira hageze kugikora, uyo nta caha kiri muri ukwo kwibagira. Ubwa gatatu: uguhatirwa gukora ikintu. Ni ukuri, hari igihe umuntu ahatirwa gukora ikintu adashaka, kandi ku bwiwe akaba ata n'ubushobozi afise bwo kwanka guhatirwa kugikora, muri ico gihe rero, nta caha yandikirwa, eka nta n'akabi kuri we. Hamwe n'ivyo rero, dukwiye kwihweza tukabona ko iyi nyigisho y'intumwa yigisha ku vyerekeye ibikorwa bibujijwe biri hagati y'umuntu n'Imana yiwe Rurema Allah; nayo kureka gukora ico umuntu yari yibagiye, ntikibabarirwa namba, ahubwo ategerezwa kugikora igihe yibukiye; nayo mu gihe ukwo kwibagira kwoba imvo ituma haba icaha kuri kiremwa-muntu, ico caha cakorewe umuntu, nticirengagizwa; ni nk'uko nyene mu gihe yokwica umuntu ku kwihenda, ategerezwa kuriha inshumbusho "fid-ya", canke mu gihe yogira ikosa ku kwihenda akonona umuduga, ategerezwa kuriha ivyo yononye.