عَنِ ابْنِ عُمَرَ رضي الله عنهما أَنَّ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«أُمِرْتُ أَنْ أُقَاتِلَ النَّاسَ حَتَّى يَشْهَدُوا أَنْ لاَ إِلَهَ إِلَّا اللَّهُ، وَأَنَّ مُحَمَّدًا رَسُولُ اللَّهِ، وَيُقِيمُوا الصَّلاَةَ، وَيُؤْتُوا الزَّكَاةَ، فَإِذَا فَعَلُوا ذَلِكَ عَصَمُوا مِنِّي دِمَاءَهُمْ وَأَمْوَالَهُمْ إِلَّا بِحَقِّ الإِسْلاَمِ، وَحِسَابُهُمْ عَلَى اللَّهِ».
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 25]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa". Nibaramuka bakoze ivyo rero, bazoba bakingiye ubuzima bwabo hamwe n'amatungo yabo; kiretse gusa ku gateka k'ubwislamu bategerezwa kwubahiriza, ahasigaye iharurwa ryabo ku vyo bakoze rikazoba ku Mana Allah".
[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 25]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga mu vy'ukuri ko Imana Allah Yamutegetse kurwanya ababangikanyamana gushika bemere bemange ko ata mana ikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah Yonyene ata na kimwe kibangikanijwe na Yo mu gusengwa, baheze bemere bemanga n'uko Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarungikanywe ubutumwa buvuye kwa Allah, baheze bashire mu ngiro ibisabwa n'ukwo kwemera, mu gutsimbataza amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango), banatange ishikanwa-bwirizwa mu kurihereza abarigenewe. Mu gihe rero boramuka bagize ivyo, ubwislamu buzotuma amaraso yabo akingirwa ntaseseke; amatungo yabo na yo akingirwe ntavogerwe, ku buryo ata wurekuriwe kwicwa kiretse mu gihe akoze icaha gihanishwa ukwicwa hisunzwe amategeko y'ubwislamu, hanyuma ku musi w'izuka, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Izoheza Ibatunganirize iharurirwa ryabo ku vyo Isanzwe Izi neza mu vyo bakoze mw'ibanga.