عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«مَنْ يُرِدِ اللهُ بِهِ خَيْرًا يُصِبْ مِنْهُ».

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 5645]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe".

[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 5645]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah iyo Ishakiye ivyiza umuja mu baja bayo b'abemeremana, Ishoka Imugerageza ku gatwe kiwe, Ikanamugerageza mu vyiwe no mu biwe, ivyo bigatuma umwemeramana agaruka ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze akayitura mu kuyisaba ayitakambira, agaheza rero akababarirwa ivyaha akanadugirizwa n'icubahiro.

Benefits from the Hadith

  1. Kuba umwemeramana yoshikirwa n'ibigeragezo bitandukanye.
  2. Igeragezwa hari igihe riba ikimenyetso c'urukundo rw'Imana Allah ku muja wayo; kugira Imudugirize icubahiro ku rugero rwo hejuru, Yongere Imubabarire ibicumuro vyiwe.
  3. Ihimiriza ryo kwihangana mu gihe umuntu ashikiwe n'ibiza mu kudacika ivutu no mu kutihebura.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية البامبارية البنجابية الماراثية الياو
View Translations