+ -

عَنْ طَاوُسٍ أَنَّهُ قَالَ: أَدْرَكْتُ نَاسًا مِنْ أَصْحَابِ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، يَقُولُونَ كُلُّ شَيْءٍ بِقَدَرٍ، قَالَ: وَسَمِعْتُ عَبْدَ اللهِ بْنَ عُمَرَ رضي الله عنهما يَقُولُ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«كُلُّ شَيْءٍ بِقَدَرٍ، حَتَّى الْعَجْزِ وَالْكَيْسِ، أَوِ الْكَيْسِ وَالْعَجْزِ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2655]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Twaawusi yavuze ati: "Narahuye n'abantu mu ngendanyi z'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) bavuga ko ikintu cose kibaye kiba caragezwe", aca yongera avuga ati: "Narumvise na Abdillaahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) avuga ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ikintu cose kibaye kiba caragezwe, n'aho bwoba ari ububegito n'ubukerebutsi, kibure ubukerebutsi n'ububeguto"".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2655]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye yerekana ko ikintu ico ari co cose kibaye kiba caragezwe; n'aho bwoba ari ububegito. Ububegito na bwo, ni ukureka gukora ivyategerezwa gukorerwa ku mwanya mu vyerekeye ubuzima bwo kw'isi n'ubw'inyuma yo gupfa, maze umuntu akama yiteza utunyoni ngo umwanya uracariho, akizemanza ngo mpava ndabikora mu kandi kanya. Eka n'aho bwoba ari ubukerebutsi buri mu vyagezwe. Ubukerebutsi na bwo, ni ukubanguka mu gutunganya neza ivyerekeye ubuzima bwo kw'isi n'ubw'inyuma yo gupfa. Yaranatomoye ko Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, Yamaze kugera ububegito n'ubukerebutsi mu vyo abantu bakora, eka mbere Yaramaze kugera ikintu ico ari cose gishika mu buzima; nta kiba rero mu buzima kiretse ko Imana Allah Yamaze kumenya no gushaka ko kizoba.

Benefits from the Hadith

  1. Kwerekana ukwemera kw'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) ku bijanye n'ivyagezwe.
  2. Ikintu cose gishika, kiba caragezwe n'Imana Allah, n'aho bwoba ari ububegito canke ubukerebutsi.
  3. Umwitwarariko n'ukwiyubara kw'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) mu kwakira no mu gushikiriza inyigisho zashikirijwe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
  4. Ukwemera ivyagezwe vyose, vyaba ari vyiza canke bibi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...