+ -

عَنْ ‌أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه قَالَ:
قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ لِعَمِّهِ: «قُلْ: لَا إِلَهَ إِلَّا اللهُ، أَشْهَدُ لَكَ بِهَا يَوْمَ الْقِيَامَةِ»، قَالَ: لَوْلَا أَنْ تُعَيِّرَنِي قُرَيْشٌ، يَقُولُونَ: إِنَّمَا حَمَلَهُ عَلَى ذَلِكَ الْجَزَعُ لَأَقْرَرْتُ بِهَا عَيْنَكَ. فَأَنْزَلَ اللهُ: {إِنَّكَ لا تَهْدِي مَنْ أَحْبَبْتَ وَلَكِنَّ اللهَ يَهْدِي مَنْ يَشَاءُ } [القصص: 56].

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 25]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ibwira Sewabo iti: "Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka", Sewabo aca avuga ati: "Iyo hataba ukwanka ko Abaqurayishi bonebagura bakavuga bati: "Yabivuze kubera ubwoba n'intege nke", ni ukuri nari kubivuga maze bikaguhimbara". Imana Allah Yaciye Ihishura Iti: {Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe, ntushobora kurongora uwo ukunda ngo umushoboze kwemera; ariko Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Igaheza Ikamushoboza kwemera} (Al-Qaswasw: 56).

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 25]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasavye Sewabo Abu Twaalib ari ku mpfiro ko yovuga ati: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH" kugira azokwisunge ko yavuze iryo jambo mu kumuvugira ari umwislamu, gutyo ntazohanwe ku musi w'izuka; maze Sewabo aranka kuvuga iryo jambo ry'ukwemanga ku gutinya ko Abaqorayishi borimutuka, bakavuga ko yabaye umwislamu kubera intege nke no gutinya gupfa! Araheza abwira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: Iyo hataba ukwanka ko nobitukwa, nari kuvuga iryo jambo maze nkagutera umunezero mu mutima wawe mu kugira ico wipfuza kigushimisha! Ni ho rero Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yaca Ihishura Aayah yerekana ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) atagaba irongora ryo gushoboza umuntu kwemera ngo abe umwislamu, ahubwo ko Imana Allah ari Yo Yonyene Ishoboza kurongoka uwo Ishatse, maze akemera; n'uko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ashoboye gusa irongora ryo kwigisha, gutomora ivyemezo, hamwe rero no kurarikira abantu mu nzira igororotse y'ubwislamu.

Benefits from the Hadith

  1. Ukuri ntigutegerezwa kurekwa biturutse ku mvo zo gutinya kuvugwa n'abantu.
  2. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), agaba irongora ryo gutomorera abantu ivyemezo n'inyigisho, si irongora ryo kubashoboza kwemera.
  3. Birarekuwe gusuhuza umugararizamana mu gihe arwaye kugira ararikirwe kwinjira mu bwislamu.
  4. Umwitwarariko w'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yagize mu bihe vyose, wo kurarikira abantu kwemera Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...