عَنْ ‌قَتَادَةَ رحمه الله قال:
حَدَّثَنَا ‌أَنَسُ بْنُ مَالِكٍ رَضِيَ اللهُ عَنْهُ أَنَّ رَجُلًا قَالَ: يَا نَبِيَّ اللهِ كَيْفَ يُحْشَرُ الْكَافِرُ عَلَى وَجْهِهِ؟ قَالَ: «أَلَيْسَ الَّذِي أَمْشَاهُ عَلَى الرِّجْلَيْنِ فِي الدُّنْيَا قَادِرًا عَلَى أَنْ يُمْشِيَهُ عَلَى وَجْهِهِ يَوْمَ الْقِيَامَةِ؟» قَالَ قَتَادَةُ: بَلَى وَعِزَّةِ رَبِّنَا.

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6523]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Qataada (nyakugira impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6523]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ukungene bishoboka ko umugararizamana azozurwa ku musi w'izuka agendesha mu maso hiwe!? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca yishura avuga ati: Mbega none burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!? Imana Allah rero, ni Mushoboravyose.

Benefits from the Hadith

  1. Ikengerwa ry'umugararizamana ku musi w'izuka, ni uko azogendesha mu maso hiwe.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (66)
More ...