+ -

عَنْ أَسْمَاءَ بِنْتِ أَبِي بَكْرٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُمَا، قَالَتْ: قَالَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إِنِّي عَلَى الحَوْضِ حَتَّى أَنْظُرَ مَنْ يَرِدُ عَلَيَّ مِنْكُمْ، وَسَيُؤْخَذُ نَاسٌ دُونِي، فَأَقُولُ: يَا رَبِّ مِنِّي وَمِنْ أُمَّتِي، فَيُقَالُ: هَلْ شَعَرْتَ مَا عَمِلُوا بَعْدَكَ، وَاللَّهِ مَا بَرِحُوا يَرْجِعُونَ عَلَى أَعْقَابِهِمْ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 6593]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na As-maa-u umukobwa wa Abu Bakari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko! Nce nishurwa nti: "Mbega none, woba uzi ivyo bakoze mu nyuma zawe? Kw'izina ry'Imana Allah! Ntibahengeshanije kuguma basubira inyuma nk'ibirenge""".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 6593]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ku musi w'izuka, azoba ari ku rugomero rwiwe kugira arindire abaza bamugana mu bo yarungitsweko; kugira abanyweshe kuri nya rugomero. Hari abantu bari hambavu y'aho (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) azoba ari bazobuzwa kumwegera, aheze avuge ati: Ewe Mana yanje Rurema! Abo bantu bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko! Hazoca humvikana ijwi rivuga riti: "Mbega waramenye ivyo bakoze mu nyuma zawe? Kw'izina ry'Imana Allah! Ntibahengeshanije kuguma basubira inyuma nk'ibirenge, maze bava mw'idini ryabo. Abo rero, ntibari mu bagukurikiye, eka ntibari no mu bakurikiye uburongozi bwawe mu bo warungitsweko.

Benefits from the Hadith

  1. Impuhwe z'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku bantu yarungitsweko, no kubitwararika.
  2. Ububi bwo guca kubiri y'ivyaranze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu nyigisho no mu migenzo vyiwe.
  3. Guhimiriza abantu gufata nkama no gutsimbatara ku migenzo y'intumwa yaranze Umuvugishw amana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations