Urutonde rw'inyigisho z'intumwa

Uwo wese yungururije uwananiwe kwishura ingurane akamuha irindi sango, canke akamuhebera umugabane w'ingurane yamwishuza, ku musi w'izuka ry'ibiremwa, Imana Allah Izomushira mu gatutu Yamugeneye musi y'Ubuhangamo bwayo, kuri uwo musi ata gatutu kazoba kahari kiretse agatutu kagenwe na Yo
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa
عربي الإنجليزية الأوردية
Mu vy'ukuri, jewe nzoba ndi ku rugomero ndindiriye gusanganira uwuza kurunywako muri mwebwe. Hari abantu bazobuzwa kunyegera, nce mbaza mvuga nti: "Ewe Mana yanje Rurema! Abo bari mu bankurikiye, bari mu bo narungitsweko
عربي الإنجليزية الأوردية