+ -

عَنْ أَنَسِ بْنِ مَالِكٍ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إِنَّ اللهَ لَا يَظْلِمُ مُؤْمِنًا حَسَنَةً، يُعْطَى بِهَا فِي الدُّنْيَا وَيُجْزَى بِهَا فِي الْآخِرَةِ، وَأَمَّا الْكَافِرُ فَيُطْعَمُ بِحَسَنَاتِ مَا عَمِلَ بِهَا لِلَّهِ فِي الدُّنْيَا، حَتَّى إِذَا أَفْضَى إِلَى الْآخِرَةِ، لَمْ تَكُنْ لَهُ حَسَنَةٌ يُجْزَى بِهَا».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2808]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, nayo umugararizamana, araheza agafungurirwa mu guhemberwa ivyo yakoze ku bw'Imana Allah akiri kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye yohemberwa".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2808]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora mu kwerekana impano zihamabaye z'Imana Allah ku bemeramana, akerekana n'ubutungane bwayo ku bagararizamana. Umweramana rero, nta kigabanuka ku mpera y'iciza yakoze; ahubwo wewe asubirizwa mu ndumane nya ciza mu guhabwa ineza y'iyumviramana akiri kw'isi, hiyongeyeko impera yaco mu buzima bw'inyuma yo gupfa; hari n'igihe rero abungabungirwa impera yose y'iciza yakoze, akazoyihabwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Nayo umugararizamana, Imana Allah Iraheza Ikamuhembera ivyiza yakoze mu kumugenera ivyiza vyo kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye akwiye guhemberwa. Ivyo biri ukwo, kubera ko igikorwa ciza kigira akamaro kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, kiba ari kirya cakozwe n'umwemeramana.

Benefits from the Hadith

  1. Uwapfuye akiri mw'igararizamana, ibikorwa vyiwe vyiza nta co bizomumarira (mu buzima bw'inyuma yo gupfa).
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...