Hadith List

Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah
عربي English Urdu
Ubwislamu bwubakiye ku nkingi zitanu
عربي English Urdu
Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma
عربي English Urdu
Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa
عربي English Urdu
Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah
عربي English Urdu
mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera
عربي English Urdu
Burya shetani iraza kuri umwe muri mwebwe ikamubwira iti: "Ni nde yaremye iki? Ni nde yaremye kirya?", gushika n'aho ivuga iti: "Ni nde yaremye Imana yawe Rurema?". Nivyashika rero aho ivuga ukwo, umuntu araca yikinga ku Mana Allah kugira Imukingire ingaruka y'inyoshambi zayo, maze ace areka gushishikara kuvyiyumvira
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa
عربي English Urdu
Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa
عربي English Urdu
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ikaba ari na yo mvugakuri-Mudahinyuzwa aho ivuga : "ko iremwa ry'umwe wese muri mwebwe riba mu kwegeranya intanga mu gitereko ca nyina mu mirango mirongo ine n'amajoro mirongo ine
عربي English Urdu
ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri
عربي English Urdu
Vuga uti: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", nanje nzoheza ndakubere icabona ntuzohanwe ku musi w'izuka
عربي English Urdu