عَنْ عَبْدِ اللهِ بْنِ عَمْرِو بْنِ الْعَاصِ رضي الله عنهما قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ يَقُولُ:
«كَتَبَ اللهُ مَقَادِيرَ الْخَلَائِقِ قَبْلَ أَنْ يَخْلُقَ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضَ بِخَمْسِينَ أَلْفَ سَنَةٍ، قَالَ: وَعَرْشُهُ عَلَى الْمَاءِ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2653]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Imana Allah Yanditse ivyagezwe ku biremwa vyose imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, maze ica ivuga iti: "Ico gihe Ubuhangamo bwayo "Arshi" bwari hejuru y'amazi""".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2653]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko Imana Allah Yanditse ido n'ido y'ibizoba mu vyagezwe ku biremwa vyose, ubuzima n'ugupfa kwavyo hamwe n'ibizobibeshaho mu buzima, n'ibindi bitari ivyo, ivyo vyose rero bikaba vyaramaze kwandikwa ku kibaho kibungabunzwe "Lawhu l-mahfuudh" imbere y'iremwa ry'amajuru n'isi ku myaka ibihumbi mirongo itanu, kandi bikaba bizoshika hisunzwe indinganizo y'ivyagezwe n'Imana Allah; ikintu ico ari co cose rero kibaye, kiba hisunzwe ivyagezwe n'Imana n'ishirwa mu ngiro ryavyo; burya igishikiye umuntu kikamwagira, ntikiba comuhusha namba ngo kimurengane, ni nk'uko n'ikimuhushije ntikimushikire, ntikiba comushikiye namba ngo kimwagire.