عن أبي هريرة رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«مَنْ يَقُمْ لَيْلَةَ الْقَدْرِ إِيمَانًا وَاحْتِسَابًا غُفِرَ لَهُ مَا تَقَدَّمَ مِنْ ذَنْبِهِ»

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري: 35]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwo wese asenze mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri"; yemera Imana Allah; yemera n'uko ari igikorwa-nyongera ashize mu ngiro arondera indishi ku Mana Allah, araheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح البخاري - 35]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ivyiza vyo gusenga mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri", ijoro riboneka mu majoro cumi ya nyuma yo mu kwezi kwa Ramadhani; n'uko uwugize akigoro muri ayo majoro, agaheza agasenga, agasaba ibisabisho, agasoma Qor'ani, akaninahaza anatazira n'Imana Allah, ivyo vyose akabigira yemera ko biri mu bikorwa nyegerezamana, yemera n'ivyiza vyavyo vyashikirijwe mu nyigisho zitandukanye z'intumwa, maze ivyo vyose akabikora aziga indishi ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, atabigira ku kwiyerekana canke ku kurondera kuyagwa neza n'abantu, ko mu vy'ukuri Imana Allah Iheza Ikamubabarira ivyaha vyiwe yamaze gukora.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza biri mw'ijoro ry'iteka hamwe no guhimiriza abantu ko bosenga mu gicugu caryo.
  2. Ibikorwa vyiza bitegetswe, ntivyakirwa kiretse mu gihe bikozwe kw'izirikanagikorwa ry'ukuri.
  3. Ivyiza n'impuhwe biva ku Mana Allah; kuko uwusenze mu gicugu c'ijoro ry'iteka "laylatu l-qadri", yemera Imana Allah, yemera n'uko ari igikorwa-nyongera ashize mu ngiro, arondera indishi ku Mana Allah, ababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (67)
More ...