عن جابر رضي الله عنه:
أَنَّ رَجُلًا سَأَلَ رَسُولَ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، فَقَالَ: أَرَأَيْتَ إِذَا صَلَّيْتُ الصَّلَوَاتِ الْمَكْتُوبَاتِ، وَصُمْتُ رَمَضَانَ، وَأَحْلَلْتُ الْحَلَالَ، وَحَرَّمْتُ الْحَرَامَ، وَلَمْ أَزِدْ عَلَى ذَلِكَ شَيْئًا، أَأَدْخُلُ الْجَنَّةَ؟ قَالَ: «نَعَمْ»، قَالَ: وَاللهِ لَا أَزِيدُ عَلَى ذَلِكَ شَيْئًا.

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 15]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko
hari umugabo yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: " Ubona gute mu gihe nosenga amasengesho-bwirizwa, nkapfunga ukwezi kwa Ramadhani, nkubahiriza amabwirizwa y'ibirekuwe nkabikora, nkubahiriza n'amabwirizwa y'ibizira nkavyirinda, hanyuma sindenze na kimwe kuri ivyo ndondaguye, nokwinjira mu Bwami bw'ijuru?". Intumwa yishuye iti: "Ego cane". Wa mugabo aca avuga ati: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Sindota ndenza na kimwe kuri ivyo".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 15]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana neza na neza ko uwusenze amasengesho atanu abwirijwe ku musi hanyuma ntihagire isengesho ry'inyongera "nawaafili" arenzako; agapfunga ukwezi kwa Ramadhani hanyuma ntihagire amapfungo y'inyongera yongerako; akemanga izirurwa ry'ibirekuwe maze akabikora, akanemanga iziririzwa ry'ibizira maze akirinda kubikora, azoheza akinjira mu Bwami bw'ijuru.

Benefits from the Hadith

  1. Umwislamu ategerezwa kwitwararika na ntaryo gukora ibitegetswe no kwirinda gukora ibibujijwe, ivyo akabikora mu ntumbero yo kurondera Ubwami bw'ijuru.
  2. Akamaro ko gukora ibirekuwe umuntu yemanga ko birekuwe, no kwirinda gukora ibizira umuntu yemanga ko bizira.
  3. Ugukora ibitegetswe hamwe n'ukureka ibibujijwe, ni yo mvo y'ukwinjira mu Bwami bw'ijuru.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (66)