عن أبي مالكٍ الأشعريِّ رضي الله عنه قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«الطُّهُورُ شَطْرُ الْإِيمَانِ، وَالْحَمْدُ لِلهِ تَمْلَأُ الْمِيزَانَ، وَسُبْحَانَ اللهِ وَالْحَمْدُ لِلهِ تَمْلَآنِ -أَوْ تَمْلَأُ- مَا بَيْنَ السَّمَاوَاتِ وَالْأَرْضِ، وَالصَّلَاةُ نُورٌ، وَالصَّدَقَةُ بُرْهَانٌ، وَالصَّبْرُ ضِيَاءٌ، وَالْقُرْآنُ حُجَّةٌ لَكَ أَوْ عَلَيْكَ، كُلُّ النَّاسِ يَغْدُو، فَبَايِعٌ نَفْسَهُ فَمُعْتِقُهَا أَوْ مُوبِقُهَا».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 223]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Maaliki Al-Ash'ariy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ukwihumanura ni igice c'ukwemera; ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "AL-HAMDU LILLAAH" na ryo ryuzuza umunzane mu ndishi; ininahazamana hamwe n'ishimagizwa ry'Imana Allah mu kuvuga uti: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH" na vyo, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi; isengesho-bwirizwa na ryo ni umuco uboneshereza uwurisenga; imperezwa na yo ni icemezo c'ukwemera; ukwihangana na kwo ni itara ryakiriza umuntu mu vyago; Qor'ani na yo kuri wewe, ni icabona canke icagiriji; burya rero abantu bose bazinduka bagenda, maze muri bo hakaba uwugurisha umushaha wiwe mu kuwurokora mu muriro canke mu kuwuhonya akawutayo".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 223]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arerekana ko ukwihumanura mu buryo bugaragara gukorwa mu gutunganya isuku ry'ugusenga (gutawaza) no mu kwiyuhagira, ico na co kikaba rero ari igisabwa kugira isengesho ryemerwe; arerekana n'uko ukuvuga ijambo: "AL-HAMDU LILLAAH" risigura ishimagizwa n'itazirwa ry'Imana Allah Nyenukuninahazwa hakoreshejwe amajambo aranga ubutore bwayo, ku musi w'izuka rizopimwa ku munzane, rigaheza rikawuzuza ibikorwa vyiza; n'uko ijambo: "SUB-HAANA LLAAHI WAL-HAMDU LILLAAH", risigura ukweza Imana Allah mu kutayitirira agahaze ako ari ko kose, no kuyitazira amatazirano aranga ubutore bwayo butunganye kandi buberanye n'icubahiro cayo, ivyo bigakorwa hamwe n'ukuyikunda hamwe n'ukuyubaha, vyuzuza ikirere kiri hagati y'isi n'amajuru mu ndishi; n'uko isengesho-bwirizwa ari umuco mu mushaha w'umuntu arisenga, rituma asayangana mu maso, rikamumurikira mu mva yiwe no ku bwegeranirizo bw'ibiremwa ku musi w'izuka; n'uko imperezwa ari icemezo cerekana ukwemera vy'ukuri ku wayitanze, maze ikamutandukanya n'indyarya yirinda kuyitanga kuko itemera indishi yaraganiwe abayitanga; n'uko ukwihangana (ukwihangana bigasigura umuntu kwigumya ku bimushikiye mu kutihebura no mu kutavyidogera) ari nk'itara rimurika rigasusurutsa nka kurya kw'izuba. Ivyo biri ukwo kuko ukwihangana bigoye kandi bigasaba umuntu guhangana n'umushaha mu kuwubuza ivyo wipfuza, maze uwihangana agashishikara amurikirwa na nya tara ry'ukwihangana mu bugogorotsi n'ugutsimbara ku kuri. Ukwihangana, ni ukwihanganira iyumviramana ata guhesha, ukwihanganira mu kudakora ivyaha hamwe rero n'ukwihanganira ivyago n'ibindi bigeramira umuntu kw'isi; n'uko Qor'ani kuri wewe, ari icabona mu gihe uyisoma ukanayigendera, canke ari icagiriji mu gihe uyirengagije mu kutayigendera canke mu kutayisoma. Hanyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarerekanye ko burya abantu bose bavyuka bakazinduka bava muhira bakwiragira hirya n'ino mu bikorwa vya misiyose barondera icorirenza; maze ugasanga muri bo harimwo umugororotsi arangwa n'iyumviramana mu kurondera kwiwe, gutyo akarokora umushaha wiwe mu muriro; hakabamwo kandi n'uwuhuba inzira akagwa mu vyaha, gutyo agahonya umushaha wiwe mu kuwuta mu muriro.