عَنْ سُفْيان بنِ عَبْدِ اللهِ الثَّقَفِيّ رضي الله عنه قال:
قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللهِ، قُلْ لِي فِي الْإِسْلَامِ قَوْلًا لَا أَسْأَلُ عَنْهُ أَحَدًا غَيْرَكَ، قَالَ: «قُلْ: آمَنْتُ بِاللهِ، ثُمَّ اسْتَقِمْ».
[صحيح] - [رواه مسلم وأحمد] - [مسند أحمد: 15416]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Sufiyaani mwene Abdi Llaahi Al-Thaqafiy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".
[صحيح] - [رواه مسلم وأحمد] - [مسند أحمد - 15416]
Ingendanyi Sufiyaani mwene Abdi Llaahi (Imana Allah Imwishimire) yarasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko amwigisha ijambo rihurikiyemwo ibijanye n'ubwislamu kugira arifate nkama maze arigendere, ku buryo ata wundi n'umwe azoribaza atari we, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramwishura amwigisha ati: Vuga uti: "Naremeye Imana Allah ko ari Yo Mana yanje Rurema, n'uko ari Yo Mana yanje nsenga, n'uko ari Yo Yandemye Ikaba ari na Yo Mana y'ukuri Ikwiye gusengwa n'ibiremwa Itagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu gusengwa", mu nyuma y'ivyo rero aheze yumvire Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo no kureka ivyo Yaziririje, maze ashishikare gutyo.