+ -

عَنِ ابْنِ عُمَرَ رضي الله عنهما عَنِ النَّبِيِّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ، قَالَ:
«مَثَلُ الْمُنَافِقِ، كَمَثَلِ الشَّاةِ الْعَائِرَةِ بَيْنَ الْغَنَمَيْنِ تَعِيرُ إِلَى هَذِهِ مَرَّةً وَإِلَى هَذِهِ مَرَّةً».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2784]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati:
"Akarorero k'indyarya, ni nk'akarorero k'impene ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye buriya ikajana na bwo'".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2784]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ukungene indyarya ibayeho, ko ari nk'intungwa ijuragirika hagati y'ubusho bubiri bw'intungwa, ntiheze ngo imenye ubusho ikwiye gukurikira ngo ijane na bwo, ugasanga hari igihe ikurikiye ubu busho ikajana na bwo, ikindi gihe ugasanga ikurikiye ubundi busho ikajana na bwo, ni ko rero indyarya zijuragirika hagati y'iyemeramana n'igararizamana, aho usanga zitari kumwe n'abemeramana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima, eka mbere ntusanga ziri kumwe n'abagararizamana mu buryo bugaragara no mu vyo zihishije ku mutima; ahubwo ku vyo zigaragaza wogira ngo ziri kumwe n'abemeramana, kandi mu mishaha huzuyemwo amakenga no kudatsimbatara ku kwemera, gutyo hakaba igihe ubona ziri ku ruhande rw'aba, ikindi gihe ukabona ziri ku ruhande rwa bariya.

Benefits from the Hadith

  1. Biri mu burongozi bw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) gutanga uburorero kugira yegereze insiguro (abo yigisha).
  2. Kwerekana ukungene indyarya zibayeho mu kujuragirika, mu kugira amakenga no kutagira ifatiro (kudatsimbatara ku kwemera).
  3. Kwihaniza abantu ngo ntibigenze nka kurya indyarya zibayeho, n'ukubahimiriza kwama ari imvugakuri no kwerekana aho bahagaze mu kwemera kwabo mu vyo bagaragaza no mu vyo bahisha mu mushaha.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations