عَنْ عَبْدِ اللَّهِ بْنِ عَمْرِو بْنِ الْعَاصِ رضي الله عنهما قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إِنَّ الْإِيمَانَ لَيَخْلَقُ فِي جَوْفِ أَحَدِكُمْ كَمَا يَخْلَقُ الثَّوْبُ الْخَلِقُ، فَاسْأَلُوا اللَّهَ أَنْ يُجَدِّدَ الْإِيمَانَ فِي قُلُوبِكُمْ».
[صحيح] - [رواه الحاكم والطبراني] - [المستدرك على الصحيحين: 5]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri mwene Al'Aasw (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, ukwemera kurasaza mu kugabanuka mu mushaha w'umwe muri mwebwe; nka kurya impuzu isaza igatabuka. Enda rero nyabuna, ba musaba Imana Allah ko Yokwama Yabasubirije itoto ukwemera mu mitima yanyu".
[صحيح] - [رواه الحاكم والطبراني] - [المستدرك على الصحيحين - 5]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga ko ukwemera gusaza mu mutima w'umwislamu maze kukagoyagoya, nka kurya impuzu nshasha isaza bivanye n'uko yambawe igihe kirekire; ivyo bigaterwa n'idebukirwa mu bikorwa nyegerezamana, canke ugukora ivyaha no gutwarwa n'ivyipfuzo vy'umuntu. Ni co gituma rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaturarikiye mu kutwerekeza kwama twasavye Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere kugira Idusubirize itoto ukwemera kwacu, biciye mu gutsimbataza ibikorwa nyegerezamana bitegetswe, kurushirizaho ininahaza n'itaziramana hamwe rero no kurushirizaho gusaba ikigongwe ku vyaha.