Hadith List

Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya
عربي English Urdu
Uwo wese azoba umugwaneza mu vyo akora ari mu bwislamu, ntazohanirwa ivyo yakoze acemera ibintazi. Nayo uwuzokora ibibi ari mu bwislamu, azoheza ahanirwe ivyo yakoze hambere no hanyuma
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri twebwe twiyumvamwo ibintu bihambaye mu bubi, ku buryo umwe muri twebwe bimuremera kuba yobivuga, Umuvugishwamana aca ababaza ati: "Ni ivy'ukuri ko mwiyumvamwo ivyo bintu bihambaye?", na bo baca bishura bati: "Ego cane! Turavyiyumvamwo.", aca ababwira ati: "Ukwo kutubahuka kubivuga rero, ni kwo kwemera gutomoye
عربي English Urdu
Mu vy'ukuri, ukwemera kurasaza mu kugabanuka mu mushaha w'umwe muri mwebwe; nka kurya impuzu isaza igatabuka. Enda rero nyabuna, ba musaba Imana Allah ko Yokwama Yabasubirije itoto ukwemera mu mitima yanyu
عربي English Urdu