عَنْ أَبِي رُقَيَّةَ تَمِيمِ بْنِ أَوْسٍ الدَّارِيِّ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ أَنَّ النَّبِيَّ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«الدِّينُ النَّصِيحَةُ» قُلْنَا: لِمَنْ؟ قَالَ: «لِلهِ وَلِكِتَابِهِ وَلِرَسُولِهِ وَلِأَئِمَّةِ الْمُسْلِمِينَ وَعَامَّتِهِمْ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية: 7]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Ruqayya, Tamiimu mwene Awsi Al-Daariy (Imana Allah Imwishimire) ni uko Umuvugishwaman (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)", abari ng'aho muri twebwe, duca tuvuga tubaza duti: "Ugahanurana kuvugwa ng'aha, kwerekeye nde? gukorwa gute? ", araheza yishura ati: "Ni ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo, ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, hamwe rero n'ukwibutsa abislamu muri rusangi; ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية - 7]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko idini ryubakiye kw'izirikanamana "ikhlaasw" no ku kuvuga ukuiri "swidqu", kugira ryubahirizwe nka kurya Imana Allah Yaritegetse, ryuzuye ata gahaze, ritunganye ata kanenge canke uruhendo. Hari uwaciye abwira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) amubaza ati: Uguhanurwa kwagenewe ba nde? Na we aca yishura avuga ati: Ubwa mbere: Ukwubaha n'ukwubahiri amabwirizwa y'Imana Allah Nyenukuninahazwa Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, bigirwa mu gutumbereza igikorwa kuri Yo, no mu kwemera Imana Imwe Rurende Allah ata kuyibangikanya na kimwe mu bubungabunzi bw'ibiremwa "TAWHIIDU L-RUBUUBIYA"; mu kwemera Imana Imwe Rurende Allah ata kuyibangikanya na kimwe mu gusengwa "TAWHIIDU L-ULUUHIYYA"; mu kwemera Imana Imwe Rurende Allah ata kuyibangikanya na kimwe mu mazina n'amatazirano yayo "TAWHIIDU L-AL-ASMAA-I WAL-SWIFAAT", ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe rero n'ukurarikira abantu kuyemera. Ubwa kabiri: Ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, na co kikaba ari Qor'ani ntagatifu, maze tukemanga ko ari amajambo yayo, n'uko ari Igitabu cayo casozereye ibindi Bitabu vyayo, n'uko cabisubiriye mu mabwirizwa yavyo, tukanacubaha tukacubahiriza, maze tukagisoma ukuri kw'ukugisoma, tugashira mu ngira ingingo zayo zitunganye zitavuguruzwa (al-muh-kam), tukemera n'ingingo zayo zifobetse (al-mutashaabih), tukanagikingira gusigurwa nabi n'abarajwe ishinga n'uguhengamika ingingo zaco, tukanyurwa n'inyigisho z'ibirimwo, tugasasagaza n'ubumenyo bwaco, tukanararikira abantu kugikurikira. Ubwa gatatu: Ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivigishijwe n'Intumwa yayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), tugaheza tukemanga ko ari yo Ntumwa yayo yahetuye izindi, tukayemera mu vyo yashikirije, tukanagendera amabwirizwa yayo, tukirinda gukora ivyo yabujije, gutyo ntitwiyegeze ku Mana Allah kiretse mu kwisunga ivyo yigishije, tukwubaha tukwubahiriza n'agateka yayo, tukanasasagaza ubutumwa yazanye n'amabwirizwa y'idini yashikirije, tukanamirira kure ivyomekerwa kuri yo. Ubwa kane: Ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, mu kuzifasha kugendera ukuri, mu kutazirwanya ku ngingo zifashe mu gihe zidaciye kubiri n'idini, kwuzunvira n'ukuzigamburukira mu bikorwa ngamburukiramana. Ubwa gatanu: Uguhanura abislamu muri rusangi, ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah, mu kubagirira ibikorwa vy'ubugwaneza no kubararikira kugora ivyiza, kubakingira kirya cose coza kibabangamira, kubipfuriza ineza, hamwe rero n'ugufadikanya na bo mu bikorwa vyiza n'ibikorwa vy'igamburukiramana.