1. Urupapuro rutangura
  2. Igaburwa mu migwi
  3. Virtues and Manners

Inyigisho y'intumwa Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye

عَنْ أَبِي عَبْدِ اللَّهِ النُّعْمَانِ بْنِ بَشِيرٍ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ، قَالَ: سَمِعْتُ رَسُولَ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّم يَقُولُ:
«إنَّ الحَلَالَ بَيِّنٌ، وَإِنَّ الحَرَامَ بَيِّنٌ، وَبَيْنَهُمَا مُشْتَبِهَاتٌ لَا يَعْلَمُهُنَّ كَثِيرٌ مِنَ النَّاسِ، فَمَنْ اتَّقَى الشُّبُهَاتِ اسْتَبْرَأَ لِدِينِهِ وَعِرْضِهِ، وَمَنْ وَقَعَ فِي الشُّبُهَاتِ وَقَعَ فِي الحَرَامِ، كَالرَّاعِي يَرْعَى حَوْلَ الحِمَى يُوشِكُ أَنْ يَرْتَعَ فِيهِ، أَلَا وَإِنَّ لِكُلِّ مَلِكٍ حِمًى، أَلَّا وَإِنَّ حِمَى اللَّهِ مَحَارِمُهُ، أَلَّا وَإِنَّ فِي الجَسَدِ مُضْغَةً إذَا صَلَحَتْ صَلَحَ الجَسَدُ كُلُّهُ، وَإذَا فَسَدَتْ فَسَدَ الجَسَدُ كُلُّهُ، أَلَا وَهِيَ القَلْبُ».

Mu vyakiriwe na Abu Abdillahi Al-Nu'maani mwene Bashiiri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".

صحيح رواه البخاري ومسلم الأربعون النووية - 6

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ingingo rusangi yisungwa ku bintu, arerekana n'uko mu mabwirizwa y'ubwislamu ibintu biri mu mice itatu: ibirekuwe mw'idini bitomoye, ibizira mw'idini bitomoye hamwe rero n'ibindi bintu biteye amazinda mu kuba ingingo ivyerekeye idatomokeye bose; ko ari ibirekuwe canke bizira. Akenshi rero, ni uko abenshi mu bantu badatomokerwa n'ingingo ivyerekeye.
Umuntu rero aretse gukora ibintu biteye amazinda, aba akingiye idini ryiwe mu kwigira kure ivyo vyose vyotuma agwa mu bizira; bitayeko, n'icubahiro ciwe aba agikingiye mu kutavugwa nabi n'abantu bamunebagura ku biteye amazinda yakoze mw'idini. Nayo uwutirinze gukora ibiteye amazinda mw'idini, aba yikwegeye; kimwe, agwa mu bizira canke agatakaza icubahiro ciwe mu kunebagurwa n'abantu. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaraciriye abantu agace mu gutanga akarorero, yerekana iherezo ry'umuntu aguye mu biteye amazinda mw'idini, ko ari nk'umwungere aragiriye intungwa yiwe ku nkengera y'ubwatsi buri mw'itongo ryashingiwe akarimbi (rikingiwe mu kutavogerwa), umwanya uwo ari wo wose intungwa ziwe zirashobora kwona ubwatsi buri muri nya tongo kuko zirisha ku nkengera yaryo. Ni nk'uko nyene rero, uwukora ibiteye amazinda mw'idini, ahakwa kugwa mu bizira kuko ari hafi cane yavyo. Mu nyuma y'aho, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye mu kwerekana ko mu mubiri w'umuntu harimwo ikimanyu c'inyama (na co kikaba ari umutima), umubiri uheza ugatungana iyo nya kimanyu gitunganye, canke ugaheza ukononekara iyo nya kimanyu cononekaye.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge w'itegeko ngenderwako ryisungwa mu kwirinda ibintu biteye amazinda mw'idini.
  2. Guhimiriza no gukundisha abantu kureka gukora ibiteye amazinda mw'idini, ari na vyo ingingo yavyo iba idatomoye.

Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi

69 Ururimi
EN English الإنجليزية
UR اردو الأوردية
ES Español الإسبانية
ID Indonesia الإندونيسية
UG ئۇيغۇرچە الأيغورية
BN বাংলা البنغالية
FR Français الفرنسية
TR Türkçe التركية
RU Русский الروسية
BS Bosanski البوسنية
SI සිංහල السنهالية
HI हिन्दी الهندية
ZH 中文 الصينية
FA فارسی الفارسية
VI Tiếng Việt الفيتنامية
TL Tagalog تجالوج
KU Kurdî الكردية
HA Hausa الهوسا
PT Português البرتغالية
ML മലയാളം المليالم
TE తెలుగు التلغو
SW Kiswahili السواحيلية
TA தமிழ் التاميلية
MY မြန်မာ البورمية
TH ไทย التايلندية
DE Deutsch الألمانية
JA 日本語 اليابانية
PS پښتو بشتو
AS অসমীয়া الأسامية
SQ Shqip الألبانية
SV Svenska السويدية
AM አማርኛ الأمهرية
NL Nederlands الهولندية
GU ગુજરાતી الغوجاراتية
KY Кыргызча القيرقيزية
NE नेपाली النيبالية
YO Yorùbá اليوروبا
LT Lietuvių الليتوانية
PRS دری الدرية
SR Српски الصربية
SO Soomaali الصومالية
TG тоҷикӣ الطاجيكية
RW Kinyarwanda الكينياروندا
RO Română الرومانية
HU Magyar المجرية
CS Čeština التشيكية
MOS Moore الموري
MG Malagasy المالاجاشية
FF Fulfulde الفولانية
IT Italiano الإيطالية
OM Oromoo الأورومو
KN ಕನ್ನಡ الكانادا
WO Wolof الولوف
BG Български البلغارية
AZ Azərbaycan الأذربيجانية
EL Ελληνικά اليونانية
AK Akan الأكانية
UZ O‘zbek الأوزبكية
UK Українська الأوكرانية
KA ქართული الجورجية
LN Lingala اللينجالا
MK Македонски المقدونية
KM ភាសាខ្មែរ الخميرية
BM Bambara البامبارية
PA ਪੰਜਾਬੀ البنجابية
MR मराठी الماراثية
DA Dansk الدنماركية
KMR Kurmancî الكرمنجية
MS Bahasa Melayu الملايو