Category:
+ -

عَنْ أَبِي عَمْرٍو- وَقِيلَ: أَبِي عَمْرَةَ-، سُفْيَانَ بْنِ عَبْدِ اللَّهِ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ:
قُلْتُ: يَا رَسُولَ اللهِ، قُلْ لِي فِي الْإِسْلَامِ قَوْلًا لَا أَسْأَلُ عَنْهُ أَحَدًا غَيْرَكَ، قَالَ: «قُلْ: آمَنْتُ بِاللهِ، ثُمَّ اسْتَقِمْ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية: 21]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Se wa Amri, vyaravuzwe n'uko biri mu vyakiriwe na Se wa Amra, Sufiyani mwene Abdullaahi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati:
"Naravuze mbaza nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira mu vyerekeye ubwislamu, ijambo ntazobaza uwundi muntu n'umwe atari wewe". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yishuye iti: "Vuga uti: "Naremeye Imana Allah", hanyuma ugororoke mu gutsimbatara kw'idini"".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [الأربعون النووية - 21]

Explanation

Ingendanyi Sufiyaani mwene Abdi Llaahi (Imana Allah Imwishimire) yarasavye Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko amwigisha ijambo rihurikiyemwo ibijanye n'ubwislamu kugira arifate nkama maze arigendere, ku buryo ata wundi n'umwe azoribaza atari we, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramwishura amwigisha ati: Vuga uti: "Naremeye Imana Allah ko ari Yo Mana yanje Rurema, n'uko ari Yo Mana yanje nsenga, n'uko ari Yo Yandemye Ikaba ari na Yo Mana y'ukuri Ikwiye gusengwa n'ibiremwa Itagira na kimwe kibangikanijwe na Yo mu gusengwa", mu nyuma y'ivyo rero aheze yumvire Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo no kureka ivyo Yaziririje, maze ashishikare gutyo.

Benefits from the Hadith

  1. Umushinge w'idini, ni ukwemera Imana Allah ko ari Imwe Rudende ata kuyibangikanya na kimwe mu bubungabunzi bw'ibiremwa no mu kuyisenga, ata n'ukuyibangikanya mu mazina n'amatazirano yayo.
  2. Akamaro k'ugutsimbatara ku bugororotsi mw'idini inyuma y'ukwemera, no gushishikara gukora ibikorwa nyegerezamana, hamwe rero no gutsimbatara kuri vyo.
  3. Ukwemera, ni ikintu gisabwa kugira ibikorwa vyakirwe.
  4. Ukwemera Imana Allah, hahurikiyemwo birya vyose umuntu ategerezwa kwemera mu vyo umuntu yemera akemanga ku mutima hamwe n'umushinge w'ukwemera, hakabamwo kandi n'ibikorwa vy'umutima bitegerezwa gukurikira ukwemera, hamwe rero n'ukwicisha bugufi ku Mana Allah mw'ibanga no ku mugaragaro.
  5. Ugutsimbatara ku bugororotsi, ni ukuguma mu nzira igororotse ata guhesha, biciye mu kwubahiriza ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
Categories
More ...