عَنْ أُمِّ المُؤْمِنِينَ أُمِّ عَبْدِ اللَّهِ عَائِشَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهَا، قَالَتْ: قَالَ: رَسُولُ اللَّهِ صَلَّى اللَّهُ عَلَيْهِ وَسَلَّم:
«مَنْ أَحْدَثَ فِي أَمْرِنَا هَذَا مَا لَيْسَ مِنْهُ فَهُوَ رَدٌّ».
وَفِي رِوَايَةٍ لِمُسْلِمٍ: «مَنْ عَمِلَ عَمَلًا لَيْسَ عَلَيْهِ أَمْرُنَا فَهُوَ رَدٌّ».
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية: 5]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe n'Umuvyeyi w'abemeramana, Nyina wa Abdullahi, Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwo wese azokwadukana gishasha muri iri dini ryacu, kitari mu vyo twigishije, azogisubizwa, ntikizokwakirwa namba".
[صحيح] - [رواه البخاري ومسلم] - [الأربعون النووية - 5]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko uwadukanye bishasha mw'idini canke uwukoze igikorwa kitagira icemezo kicemeza kiri mu Gitabu canke mu nyigisho n'imigenzo vy'intumwa, kizosubizwa kuri nyeneco kitemewe n'Imana Allah.