عن مَعقِلِ بن يَسار المُزَنِيّ رضي الله عنه قال: إني سمعت رسول الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«مَا مِنْ عَبْدٍ يَسْتَرْعِيهِ اللهُ رَعِيَّةً، يَمُوتُ يَوْمَ يَمُوتُ وَهُوَ غَاشٌّ لِرَعِيَّتِهِ، إِلَّا حَرَّمَ اللهُ عَلَيْهِ الْجَنَّةَ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 142]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Ma'qili mwene Yasaari Al-Muzaniy (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Mu vy'ukuri, narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti:
"Nta muntu n'umwe aragizwa n'Imana Allah gutunganiriza abantu ku kintu na kimwe, bigashika agapfa umusi yageneweko, uwo musi agapfa yahora akoresha urwenge mu guhenda abo yaragijwe, kiretse ko Imana Allah Yamaze kuziririza kuri we ko azokwnjira mu Bwami bw'ijuru"".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 142]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu wese, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yashinze amabanga yo gutunganiriza abantu ku kintu ico ari co cose yaragijwe, yaba ari amabanga yo ku rwego rwo hejuru yo gutunganya vyose; nko kuba indongozi nkuru mu Gihugu "Amiir", canke amabanga bwite; nko kuba umugabo mu rugo rwiwe, n'umugore mu nzu yiwe, hanyuma agatirigana mu kutubahiriza agateka k'abo ajejwe, agakoresha urwenge mu kubahenda, atemera no guhanurwa, maze akirengagiza kwubahiriza agateka kabo mu bijanye n’idini no mu bijanye n'ivy'isi, ko uwo muntu akwiye kuzohabwa igihano gikaze.

Benefits from the Hadith

  1. Iri sezeranirwa ry'igihano, ntiriraba gusa indongozi nkuru mu Gihugu "Imaamu canke Amiiri" hamwe n'abunganizi babo, ahubwo nyabuna iraba barya bose hari ico baragijwe n'Imana Allah ku rwego urwo ari rwo rwose.
  2. Igitegetswe ku muntu wese hari ico yaragijwe ategerezwa gutunganiriza abislamu, ni uko yemera impanuro bamuhaye, akita ku rutare mu gushitsa imbitso yo kubatunganiriza ata nkunzi, akirinda no kubahemukira.
  3. Ibanga rihambaye, ribangirwa ingata kuri urya wese hari ico yaragijwe, haba mu mabanga rusangi yo ku rwego rwo hejuru mu Gihugu canke ku rwego bwite, yaba ari amabanga manini ahambaye canke mato asanzwe.
View Translations
Language: English Urdu Spanish More ... (67)
More ...