عن عبد الله بن عمر رضي الله عنهما قال:
سَمِعَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ رَجُلًا يَعِظُ أَخَاهُ فِي الْحَيَاءِ، فَقَالَ: «الْحَيَاءُ مِنَ الْإِيمَانِ».

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم: 36]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), yavuze ko
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yigeze kwumva umugabo ariko arahanura mwenewabo ku bijanye n'ukwisonera, ko adakwiye kwama yagize isoni imbere y'abantu, aca avuga ati: "Burya ukwisonera, kuri mu bigize ukwemera kw'umuntu".

[صحيح] - [متفق عليه] - [صحيح مسلم - 36]

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarumvise umugabo ariko ahanura mwenewabo ko areka kwama yagize isoni mu bantu!, aca aramutomorera ko burya umuntu kugira isoni, biri mu bigize ukwemera kwiwe, n'uko ukugira isoni igihe cose bizana ivyiza.
Burya umuntu kugira isoni, ni ingeso nziza imutuma akora ivyiza akareka no gukora ibibi.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Ingeso n'inyifato ikubuza gukora ivyiza, ntiyitwa ukwisonera, ahubwo yitwa ugutinya abantu no kunanirwa gufata ingingo no kwizemanza.
  2. Umuntu kugira isoni ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, ibonekera mu gukora ibitegetswe no mu kureka gukora ibibujijwe;
  3. Umuntu kugira isoni imbere y'abantu, ni ukububaha no kububahiriza mu vyubahiro vyabo, no kwirinda gukora ibisanzwe bimenyerewe ko bitabereye gukora mu bantu.
Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi
Ururimi: الإنجليزية الأوردية الإسبانية Ivyiyongeyeko (68)