عَنْ أَبي مَسْعُودٍ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ النَّبِيُّ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«إِنَّ مِمَّا أَدْرَكَ النَّاسُ مِنْ كَلاَمِ النُّبُوَّةِ الأُولَى: إِذَا لَمْ تَسْتَحْيِ فَاصْنَعْ مَا شِئْتَ».
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري: 6120]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati:
"Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".
[صحيح] - [رواه البخاري] - [صحيح البخاري - 6120]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko mu vyakiriwe ku Bavugishwamana b'aho ha mbere, maze abantu bakabihanahana hagati yabo nk'iragi inyuma y'ikinjana ku kindi, gushika n'aho bishikira aba mbere mu bantu narungitsweko, n’uko woraba ukihweza neza ico ugomba gukora, ubonye nya kintu kiri mu bidateye isoni, ugaheza ukagikora; wabona kiri mu biteye isoni, ugashoka ukireka; kuko burya ikibuza umuntu gukora ibibi, ni ukuba afise isoni, uwudafise isoni rero nta co aba yinona, araheza akihebera ibibi vyose vy'agahomerabunwa.