عن شداد بن أوس رضي الله عنه قال: ثِنْتَانِ حَفِظْتُهُمَا عَنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«إِنَّ اللهَ كَتَبَ الْإِحْسَانَ عَلَى كُلِّ شَيْءٍ، فَإِذَا قَتَلْتُمْ فَأَحْسِنُوا الْقِتْلَةَ، وَإِذَا ذَبَحْتُمْ فَأَحْسِنُوا الذَّبْحَ، وَلْيُحِدَّ أَحَدُكُمْ شَفْرَتَهُ، فَلْيُرِحْ ذَبِيحَتَهُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 1955]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Shaddaadi mwene Ausi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari ibintu bibiri nashize ku muzirikanyi ndavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 1955]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa.
Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha.
Nayo ukurangwa n'ubugwaneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.