+ -

عن شداد بن أوس رضي الله عنه قال: ثِنْتَانِ حَفِظْتُهُمَا عَنْ رَسُولِ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ قَالَ:
«إِنَّ اللهَ كَتَبَ الْإِحْسَانَ عَلَى كُلِّ شَيْءٍ، فَإِذَا قَتَلْتُمْ فَأَحْسِنُوا الْقِتْلَةَ، وَإِذَا ذَبَحْتُمْ فَأَحْسِنُوا الذَّبْحَ، وَلْيُحِدَّ أَحَدُكُمْ شَفْرَتَهُ، فَلْيُرِحْ ذَبِيحَتَهُ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 1955]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Shaddaadi mwene Ausi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari ibintu bibiri nashize ku muzirikanyi ndavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze iti:
"Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 1955]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa.
Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha.
Nayo ukurangwa n'ubugwaneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.

Benefits from the Hadith

  1. Igaragazwa ry'impuhwe n'ikigongwe Imana Allah Ifitiye ibiremwa.
  2. Irangwa n'ubugwaneza mu kwica no mu kabaga, mu gukoresha uburyo bwashinzwe n'amategeko y'ikislamu.
  3. Amategeko y'ubwislamu aratunganye kandi nta na kimwe yasize inyuma mu vyiza vyose, muri ivyo, akaba ari ukugirira ibikoko impuhwe n'ikigongwe.
  4. Kubuza ko uwishwe, yocunagurwa agahohoterwa inyuma yo kumwica.
  5. Iziririza ry'ikoreshwa ry'ikintu ico ari co cose cotuma igikoko gicunagurwa kikababazwa.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations