عَنْ أَبِي هُرَيْرَةَ رَضِيَ اللَّهُ عَنْهُ قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«مِنْ حُسْنِ إِسْلَامِ المَرْءِ تَرْكُهُ مَا لَا يَعْنِيهِ».
[قال النووي: حديث حسن] - [رواه الترمذي وغيره] - [الأربعون النووية: 12]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Biri mu biranga ubwislamu bwiza bw'umuntu, umuntu kureka kuja mu bitamuraba".
[قال النووي: حديث حسن] - [رواه الترمذي وغيره] - [الأربعون النووية - 12]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko mu biranga itungana ry'ubwislamu bw'umwislamu n'ukwemera kwiwe, ari ukwigira kure ya birya vyose bitamuraba, na birya ata co bimumariye haba mu majambo canke mu bikorwa, canke ukwigira kure y'ibitamuraba mu bijanye n'idini n'ivy'isi, burya umuntu kuja mu bitamuraba, hari n'aho bimusamaza mu kutitwararika ibimuraba mu kudakora, maze bigatuma agwa mu vyo yategerezwa kwirinda; kuko mu vy'ukuri, umuntu azobazwa ku bikorwa vyiwe ku musi w'izuka.