عن ابنِ عُمَرَ رضي الله عنهما قال: قال رسولُ الله صلَّى الله عليه وسلم:
«مَن تَشَبَّهَ بِقَوْمٍ فَهُوَ مِنْهُمْ».
[حسن] - [رواه أبو داود وأحمد] - [سنن أبي داود: 4031]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu nyifato no mu nyambaro, araheza agacika umwe muri bo".
[حسن] - [رواه أبو داود وأحمد] - [سنن أبي داود - 4031]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko uwishushanyije n'umugwi w'abantu mu bagararizamana, canke mu bigaba birenga ku mabwirizwa y'Imana Allah, canke mu beranda, maze agakora ikintu mu bibaranga vyaba ari ibijanye n'ivyo bemera ku mutima, canke ivyo bakora mu kugaragaza ukwemera kwabo, canke imigirwa ya misiyose, ko aheza agaharurwa muri bo ku kwigenza nkabo; kuko burya umuntu kwigenza nkabo mu vyo abantu babona n'amaso, bituma yigenza nkabo no mu vyo batabona n'amaso mu bihishije mu mushaha, nta nkeka rero ko umuntu kwigenza nk'umugwi w'abantu, biterwa n'ukunezerezwa n'ukungene ababona, hari n'igihe rero ivyo bituma abakunda, akabubahira ico, maze akiharura muri bo, hari n'igihe ivyo biheza bigakwegera umuntu no mu kwigenza nkabo mu (bijanye n'ukwemera) bihishije mu mushaha, hamwe rero no mu bikorwa bigaragaza ukwemera kwabo. Allah Aturinde kwigenza nk'abagararizamana.