عن أبي هريرة رضي الله عنه عن رسول الله صلى الله عليه وسلم قال:
«مَا نَقَصَتْ صَدَقَةٌ مِنْ مَالٍ، وَمَا زَادَ اللهُ عَبْدًا بِعَفْوٍ إِلَّا عِزًّا، وَمَا تَوَاضَعَ أَحَدٌ لِلهِ إِلَّا رَفَعَهُ اللهُ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 2588]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Nta ho vyakabaye ko imperezwa igabanya na kimwe mu butunzi bw'umuntu ; nta n'aho vyakabonetse ko Imana Allah Yongerereza umuja ababariye abandi, kiretse icubahiro n'iteka mu bandi; nta n'umuntu yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, kiretse ko Imudugiriza icubahiro mu bandi".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 2588]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko imperezwa umuntu atanze, itagabanya na kimwe mu butunzi bwiwe, ahubwo ko ituma ubutunzi bwiwe bukingirwa ivyago, maze Imana Allah Ikamusubiriza ahavuye nya mperezwa ivyiza vyinshi, bigatuma bwa butunzi bwiyongera ha kugabanuka.
Ukubabarira abandi mu gihe ushoboye guhana n'ukwihora, vyongerereza uwubabariye inguvu, icubahiro n'iteka.
Eka nta muntu n'umwe yicisha bugufi ku bw'Imana Allah, atabitewe n'ugutinya umuntu, atari ku mvo z'ukwigana uwundi, atari no mu kumuronderako ico yomumarira, kiretse ko impera yiwe kuri iryo babarira, iba ari ukudugirizwa icubahiro n'igihagararo mu bandi.