عن عبد الله بن عمرو رضي الله عنهما قال: قال رسول الله صلى الله عليه وسلم:
«يقالُ لصاحبِ القرآن: اقرَأ وارتَقِ، ورتِّل كما كُنْتَ ترتِّل في الدُنيا، فإن منزِلَكَ عندَ آخرِ آية تقرؤها».
[حسن] - [رواه أبو داود والترمذي والنسائي في الكبرى وأحمد] - [سنن أبي داود: 1464]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Uwufise Qor'ani mu mutwe, ku musi w'izuka azobwirwa ati: "Soma maze udugirizwe icubahiro, uheze usome neza mu bwitonzi nta ngere nka kurya wahora usoma kw'isi, mu vy'ukuri urugero rw'icubahiro cawe, rugarukira kuri Aayah ya nyuma usoma"".
[حسن] - [رواه أبو داود والترمذي والنسائي في الكبرى وأحمد] - [سنن أبي داود - 1464]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko umusomyi wa Qor'ani, agendera ibirimwo akabishira mu ngiro, akama yayisomye akanayifata ku mutwe, igihe yinjiye mu Bwami bw'ijuru, azobwirwa ati: Soma Qor'ani, uheze udugirizwe icubahiro mu vyubahiro vyo mu Bwami bw'ijuru hakurikijwe urugero rw'ivyo usoma, maze rero uyisome neza nka kurya wahora uyisoma mu bwitonzi nta ngere; kuko mu vy'ukuri urugero rw'iduzwa ry'icubahiro cawe, ruza kugera kuri Aayah ya nyuma usoma.