عَنْ ‌أَبِي هُرَيْرَةَ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«أَيُحِبُّ أَحَدُكُمْ إِذَا رَجَعَ إِلَى أَهْلِهِ أَنْ يَجِدَ فِيهِ ثَلَاثَ خَلِفَاتٍ عِظَامٍ سِمَانٍ؟» قُلْنَا: نَعَمْ. قَالَ: «فَثَلَاثُ آيَاتٍ يَقْرَأُ بِهِنَّ أَحَدُكُمْ فِي صَلَاتِهِ خَيْرٌ لَهُ مِنْ ثَلَاثِ خَلِفَاتٍ عِظَامٍ سِمَانٍ».

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 802]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Mgeba hari n'umwe muri mwebwe igihe asubiye mu rugo rwiwe, akunda ko yohasanga ingamiya zitatu zidoshe zifise amezi". Twaciye twishura duti: "Ego cane ariho!". Intumwa ica ivuga iti: "Burya rero, Aayah zitatu umwe muri mwebwe asomye mw'isengesho ryiwe, zirimwo ivyiza kuri we bisumba kuba afise ingamiya zitatu zidoshe zifise amezi".

[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 802]

Ugusobanura

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko gusoma Aayah zitatu mw'isengesho, harimwo impera n'ivyiza kuri we bisumba kure n'iyo umuntu gusanga mu rugo rwiwe hari ingamiya zitatu zidoshe zifise amezi.

Zimwe mu nyungu ziri muri iyi nyigisho y'intumwa:

  1. Kwerekana neza na neza ivyiza biri mu gusoma Qor'ani mw'isengesho.
  2. Ibikorwa vyiza bitegetswe, harimwo ivyiza kandi vyamaho bisumba kure n'iyo ibihendamaso vyo kw'isi vy'akanya gato.
  3. Ibi vyiza rero, ntivyagenewe gusa ugusoma Aayah zitatu muri Qor'ani; burya uko uwuriko arasenga yongereje igitigiri ca Aayah asoma mw'isengesho, ni ko n'impera yazo iba nziza kuri we gusumba Aayah zitatu, gutyo bikamusumbira kuba afise ingamiya zitatu zidoshe zifise amezi.
Ukwerekana insiguro mu rundi rurimi
Ururimi: الإنجليزية الأوردية الإسبانية Ivyiyongeyeko (68)