عن عمر بن الخطاب رضي الله عنه قال: إنه سمع نبي الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«لَو أَنَّكُمْ تَتَوَكَّلُونَ عَلَى اللهِ حَقَّ تَوَكُّلِهِ، لَرَزَقَكُمْ كَمَا يَرْزُقُ الطَّيْرَ، تَغْدُو خِمَاصًا وَتَرُوحُ بِطَانًا».
[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [مسند أحمد: 205]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaab I (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".
[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [مسند أحمد - 205]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) araduhimiriza ko twishimikiza Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, mu kurondera ibidufitiye akamaro, no mu kwikingira ibitubangamiye mu vy'isi no mu bijanye n'idini; kuko ata wutanga canke ngo yime ikiremwa ikintu, eka nta n'uwugeramira canke ngo agire ico amariye ikiremwa atari Imana Allah Nyenukuninahazwa Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; aranaduhimiriza kandi ko twita ku rutare mu gukora ibituma turonka ibitugirira akamaro n'ibidukingira ivyotubangamira, ivyo bigaheza bikajana n'ukwishimikiza koko Imana Allah, igihe cose rero dukoze ivyo, Imana Allah Iraheza Ikaturonsa ibitubeshaho nka kurya Ironsa ibibeshaho inyoni zigenda mu gitondo zishonje, hanyuma zikagaruka ku mugoroba zihaze, inda zafoye. Ukwo kuntu rero inyoni zibigenza, ni kimwe mu mpamvu z'ukurondera icozibeshaho, ata kurera amaboko ata n'ukunebwa birimwo.