+ -

عن عمر بن الخطاب رضي الله عنه قال: إنه سمع نبي الله صلى الله عليه وسلم يقول:
«لَو أَنَّكُمْ تَتَوَكَّلُونَ عَلَى اللهِ حَقَّ تَوَكُّلِهِ، لَرَزَقَكُمْ كَمَا يَرْزُقُ الطَّيْرَ، تَغْدُو خِمَاصًا وَتَرُوحُ بِطَانًا».

[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [مسند أحمد: 205]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaab I (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati:
"Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".

[صحيح] - [رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد] - [مسند أحمد - 205]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) araduhimiriza ko twishimikiza Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, mu kurondera ibidufitiye akamaro, no mu kwikingira ibitubangamiye mu vy'isi no mu bijanye n'idini; kuko ata wutanga canke ngo yime ikiremwa ikintu, eka nta n'uwugeramira canke ngo agire ico amariye ikiremwa atari Imana Allah Nyenukuninahazwa Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; aranaduhimiriza kandi ko twita ku rutare mu gukora ibituma turonka ibitugirira akamaro n'ibidukingira ivyotubangamira, ivyo bigaheza bikajana n'ukwishimikiza koko Imana Allah, igihe cose rero dukoze ivyo, Imana Allah Iraheza Ikaturonsa ibitubeshaho nka kurya Ironsa ibibeshaho inyoni zigenda mu gitondo zishonje, hanyuma zikagaruka ku mugoroba zihaze, inda zafoye. Ukwo kuntu rero inyoni zibigenza, ni kimwe mu mpamvu z'ukurondera icozibeshaho, ata kurera amaboko ata n'ukunebwa birimwo.

Benefits from the Hadith

  1. Ivyiza vyo kwishimikiza Imana Allah, n'uko ari kimwe mu mvo zihambaye zituma haboneka ibibeshaho ikiremwa.
  2. Ukwishimikiza Imana Allah, ntibiteye kubiri namba n'ugukora ibasabwa bijanye n'ukurondera; kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko ukwishimikiza Imana Allah vy'ukuri bidahushanye na gato n'ukuzinduka uja ku kivi kurondera icorirenza maze ukagaruka bugorovye.
  3. Amabwirizwa y'ubwislamu aritwararika ibikorwa vy'umutima; kuko ukwishimikiza Imana Allah ari igikorwa c'umushaha.
  4. Umuntu kwitwaza gusa imvo zijanye n'ukurondera icorirenza, ni agahaze mw'idini, eka n'ukureka gukora imvo z'ukurondera, ni ikehabwenge.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Burmese Thai German Japanese Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Yoruba Lithuanian Dari Serbian Somali Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Fulani Italian Oromo Kannada الولوف البلغارية Azeri اليونانية الأكانية Uzbek Ukrainian الجورجية اللينجالا المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations