+ -

عَن ابنِ عباسٍ رضي الله عنهما أنَّ رسولَ اللهِ صلي الله عليه وسلم قال:
«لَو يُعطَى النّاسُ بدَعواهُم لادَّعَى رِجالٌ أموالَ قَومٍ ودِماءَهُم، ولَكِنَّ البَيِّنَةَ على المُدَّعِى، واليَمينَ على مَن أنكَرَ».

[صحيح] - [رواه البيهقي] - [السنن الكبرى للبيهقي: 21243]
المزيــد ...

Mu vyakiriwe na Mwene Abbaasi (Imana Allah Ibishimire pombi), ni uko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".

[صحيح] - [رواه البيهقي] - [السنن الكبرى للبيهقي - 21243]

Explanation

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko iyaba abantu bahabwa ivyo basaba mu butungane mu kwitwara gusa ata vyemezo n'ivyagiriji barinze gusabwa, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba gukomorerwa amatungo yabo no kubihorera mu gusesa amaraso yabo bakicwa, ariko rero icisungwa nyabuna, ni uko ari ngombwa ko uwitwaye ashikiriza icagiriji n'icemezo ku vyo asaba mu butungane; iyo naho ata cagiriji ashikirije cemeza ivyo asaba ubutungane, uwitwariwe aca abazwa ko ivyo yagirijwe avyemera; iyo abihakanye, aca asabwa kurahira ahakana ko ata na kimwe mu vyo yagirijwe kimwagira, gutyo akiyeza imbere y'ubutungane.

Benefits from the Hadith

  1. Ibnu Daqiiqi Al-I'iidi yavuze ati: "Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge mu mishinge y'amategeko, ni na bwo bwikoro bwisungwa mu gufata ingingo igihe habaye uguhazana n'ukutumvikana hagati y'abatase".
  2. Amabwirizwa y'ubwislamu yaje kugira akingire amatungo y'abantu ntavogerwe, n'amaraso yabo ntaseseke mu gihe habaye ukutitwararika utwa murundi.
  3. Umucamanza ntashikiriza ingingo yisunze ivyo azi, ariko ayishikiriza yisunze ivyagiriji n'ivyemezo bigaragara.
  4. Uwo ari we wese yitwaye mu gushikiriza imburano zitagira ivyagiriji bizemeza, nya mburano ziraheza zigasubizwa inyuma; zaba ari imburano zerekeye agateka k'umuntu, canke imirimo ya misiyose mu buzima, canke zikaba zerekeye ibijanye n'ukwemera n'ubumenyi.
Translation: English Urdu Spanish Indonesian Uyghur Bengali French Turkish Russian Bosnian Sinhala Indian Chinese Persian Vietnamese Tagalog Kurdish Hausa Portuguese Malayalam Telgu Swahili Tamil Thai German Pashto Assamese Albanian Swedish amharic Dutch Gujarati Kyrgyz Nepali Lithuanian Dari Serbian Tajik Kinyarwanda Romanian Hungarian Czech الموري Malagasy Oromo Kannada الولوف Azeri Uzbek Ukrainian الجورجية المقدونية الخميرية الماراثية
View Translations
More ...