عَن ابنِ عباسٍ رضي الله عنهما أنَّ رسولَ اللهِ صلي الله عليه وسلم قال:
«لَو يُعطَى النّاسُ بدَعواهُم لادَّعَى رِجالٌ أموالَ قَومٍ ودِماءَهُم، ولَكِنَّ البَيِّنَةَ على المُدَّعِى، واليَمينَ على مَن أنكَرَ».
[صحيح] - [رواه البيهقي] - [السنن الكبرى للبيهقي: 21243]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Mwene Abbaasi (Imana Allah Ibishimire pombi), ni uko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".
[صحيح] - [رواه البيهقي] - [السنن الكبرى للبيهقي - 21243]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko iyaba abantu bahabwa ivyo basaba mu butungane mu kwitwara gusa ata vyemezo n'ivyagiriji barinze gusabwa, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba gukomorerwa amatungo yabo no kubihorera mu gusesa amaraso yabo bakicwa, ariko rero icisungwa nyabuna, ni uko ari ngombwa ko uwitwaye ashikiriza icagiriji n'icemezo ku vyo asaba mu butungane; iyo naho ata cagiriji ashikirije cemeza ivyo asaba ubutungane, uwitwariwe aca abazwa ko ivyo yagirijwe avyemera; iyo abihakanye, aca asabwa kurahira ahakana ko ata na kimwe mu vyo yagirijwe kimwagira, gutyo akiyeza imbere y'ubutungane.