عَنْ أُبَيِّ بْنِ كَعْبٍ رضي الله عنه قَالَ: قَالَ رَسُولُ اللهِ صَلَّى اللهُ عَلَيْهِ وَسَلَّمَ:
«يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: اللهُ وَرَسُولُهُ أَعْلَمُ. قَالَ: «يَا أَبَا الْمُنْذِرِ، أَتَدْرِي أَيُّ آيَةٍ مِنْ كِتَابِ اللهِ مَعَكَ أَعْظَمُ؟» قَالَ: قُلْتُ: {اللهُ لا إِلَهَ إِلا هُوَ الْحَيُّ الْقَيُّومُ} [البقرة: 255]. قَالَ: فَضَرَبَ فِي صَدْرِي، وَقَالَ: «وَاللهِ لِيَهْنِكَ الْعِلْمُ، أَبَا الْمُنْذِرِ».
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم: 810]
المزيــد ...
Mu vyakiriwe na Ubayyi mwene Ka'bi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:
"Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Maze nca mvuga nti: "Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo ni Bo bazi kurusha"". Ica irasubira kumbaza ivuga iti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Mbega urazi Aayah ihambaye cane ufise iri mu Gitabu c'Imana Allah, iyo ari yo?". Ubayyi yavuze ati: "Aho naciye mvuga nishura nti ni: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}" (Al-Baqara: 255). Ubayyi yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye ikubita ku gikiriza canje, ica ivuga iti: "Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah mvuga nti: "Ewe Se wa Al-Mundhiri! Urakaberwa n'ubumenyi, Urakagira ubumenyi""".
[صحيح] - [رواه مسلم] - [صحيح مسلم - 810]
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabajije Ubayyi mwene Ka'bi ku vyerekeye Aayah ihambaye cane mu Gitabu c'Imana Allah, Ubayyi aca aragonanwa mu kwishura, hanyuma arahava yishura ko ari Aayatu l-Kursiy: {ALLAAHU LAA ILAAHA ILLAA HUWA L-HAYYU L-QAYYUUM}, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca aramushigikira kuri iyo nyishu, maze akubita ku gikiriza ciwe, mu kwerekana ko nya gikiriza cuzuye ubumenyi n'ubushobozi bwo gushika ku kuri mu mvugo n'ingiro "hik-mat", aranamusabira ko yohimbarwa akanaroranirwa n'ubwo bumenyi afise.